Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyeporitike bagiye guhurira mu nama yindi yateguwe na BNUB - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abanyeporitike bagiye guhurira mu nama yindi yateguwe na BNUB

Abanyeporitike bagiye guhurira mu nama yindi yateguwe na BNUB

samedi 23 Munyonyo 2013

Ibiro vy’uwuserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu mu burundi, bari kumwe na Reta y’Uburundi batunganije inama izohuza abanyeporitike kugira barabire hamwe ibijanye n’ishirwa mu ngiro ry’ivyo biyemeje mu rupapuro rw’inzira mu nama yari yabahuje mu kwezi kwa Ntwarante umwaka w’2013, kuva ku genekerezo rya 11 gushika kurya 13.

Mw’ijambo yashikirije i Bujumbura umunsi hugururwa ibikorwa vy’inama yo kuraba aho ivyo abafasha Uburundi biyemeje i Geneve bigeze, uwuserukira umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, Parfait Onanga Anyanga yari yamenyesheje ko ishirahamwe BNUB, ribifadikanijemwo na Reta y’Uburundi, bariko bategura inama yohuza abanyeporitike, kugira barabire hamwe aho ivyo biyemeje bigeze mw’ishirwa mu ngiro ry’urupapuro rw’inzira bumvikanyeko. Urwo rupapuro rw’inzira rutegekanya ko itegeko rigenga amatora rizoca ritorwa imbere y’impera z’ukwezi kwa Kigarama uwu mwaka w’2013.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, ku ruhande rwa Reta y’Uburundi, yamenyesheje ko bazokora ibishoboka vyose kugira amatora azotunganwe mu bwigenge, kandi ku mugaragaro mu mwaka w’2015.

Iyo nama izohuza abanyeporitike izotangura kuva ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 27 Munyonyo 2013 gushika ku genekerezo rya 29 Munyonyo 2013. Iyugururwa ryoyo n’isozerwa bizobera kuri Royal Palace Hotel, ibikorwa navyo bikaba bizobandaniriza mu nyubakwa za BNUB.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.