Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyeshure b’abaganga bahagaritse yegereyegere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abanyeshure b’abaganga bahagaritse yegereyegere

Abanyeshure b’abaganga bahagaritse yegereyegere

mercredi 13 Myandagaro 2014

Abaganga biga mu gisata c’ubuvuzi bashaka kuja kunonosora ivyigwa vyabo hanze bahisemwo guhagarika yegereyegere bari batanguye ku munsi wa mbere igenekerezo rya 11 Myandagaro 2014.

Mu rwandiko barungikiye umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Gaston Hakiza, rwateweko igikumu na muganga Pacifique Njejimana, abo banyeshure bavuga ko bafashe iyo ngingo inyuma y’ibiganiro bagiranye n’intumwa z’ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi kuwa 11 Myandagaro 2014. Ubwo bushikiranganji bukaba bwemeye gukurikiranira ikibazo cabo. Ariko n’aho biri uko, abo banyeshure bamenyesha ko mu gihe batoronka inyishu ishimishije y’ivyo barondera mu kiringo c’indwi zibiri, nta kabuza bashobora gusubira muri yegereyegere.

Mu gihe abo banyeshure bose hamwe ari 38, ariko ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza b’ubushakashatsi bwo bukavuga ko hashoboka kuboneka uburyo bw’abanyeshure 10 gusa borungikwa hanze, abo banyeshure bavuga ko ata kibazo vyoba ari vyiza kuko abandi borindira mu mwaka uza nk’uko umwe muri abo baganga, Tharcisse Gasogo abivuga. Ariko basaba ko hatoshirwamwo abandi batari muri abo 38.

Ku cerekeye naho ibizofatirwako kugira barungike abo baganga, mu gihe ubushikiranganji bwo buvuga ko hazoshirwa imbere ibitegekanywa n’ibwirizwa shingiro yaba ubwoko n’ibindi, ndetse bikaba biri no mw’itegeko rishasha rigenga ingene ivyo kurungikwa kunonosora hamwe n’imyimenyerezo bigenda, ahubwo abo banyeshure basaba ko ivyo kubarungika vyobandanya bitunganywa kurya vyahora, bakarinda gukora ikibazo co kwinjira atavyo kuraba intara, ubwoko, imigambwe n’ibindi.

Tubamenyeshe ko muri urwo rwandiko basaba bashimitse ko abanyeshure bahejeje hamwe n’abagiye mu mwaka wa kabiri aribo borungikwa ubwa mbere.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.