Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abariko barakoreshwa mu gusambura JRR bagabishijwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abariko barakoreshwa mu gusambura JRR bagabishijwe

Abariko barakoreshwa mu gusambura JRR bagabishijwe

lundi 19 Rusama 2014

Bamwe mu baporona bashigikiye umupfasoni Concilie Nibigira benshi basanzwe bakora mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, bagirizwa kuba bariko bakora ibishoboka vyose kugira basambure umuhari wa JRR.

Arnaud Irakoze ari mu bashobora gufatirwa ibihano na JRR

Mw’itangazo ryateweko umukono n’aba JRR barongoye abandi mu makomine atandukanye y’igisagara ca Bujumbura, bavuga ko biyamirije imitwe iriko irakorwa n’uwo murwi w’abaporona barajwe ishinga no gusambura umugambwe mu mice yose yawo, mu gihe hari bamwe mu ba JRR baherutse kurungikwa ku muhuza w’abarundi Mohamed Rukara, abo nabo bakaba bagenywe na bamwe muba bashigikiye Concilie Nibigira, kandi hasanzwe hari inzego zizwi kandi zatowe n’aba JRR ubwabo.

Muri uyo mugambi wo gusambura JRR, abariko barawukora, bikavugwa ko bariko baca k’uwitwa Espoir Bwitonzi asanzwe ari icegera c’umukuru wa JRR mu gisagara ca Bujumbura, umushingwamanza Patrick Nitegeka. Abo ba JRR ( Jeunesse Revolutionnaire Rwagasore) bagasaba Espoir Bwitonzi gukubita agatima mpembero, areke gufashanya n’abariko barita ku rutare mu gusambura UPRONA, na cane cane ko abarundi bayamaze bati :’’ Nta ndagukunda nkakwankira umwana » eka kandi abari muri iyo migambi bakabamenyesha ko : « Uwanka agakura abaga imitavu ».

Espoir Bwitonzi icegera c'umukuru wa JRR mu gisagara ca Bujumbura yagirizwa kuba ari mu kwaha kw'abashaka gusambura JRR

Abateye umukono kuri urwo rwandiko bavuga ko, hamwe aba JRR bariko barakoreshwa mu gusambura umuhari wabo bobandanya, buca bafatirwa ibihano bikomeye. Uretse rero Espoir Bwitonzi avugwa ko ariko arakoreshwa muri ako kabi ko gusambura uwo muhari Mparaniramajambere wa Rwagasore, n’uwitwa Arnaud Irakoze asanzwe ari muri uyo muhari muri komine ya Kinindo.

Abarongoye abandi muri uyo muhari bateye umukono kuri iryo tangazo nabo, bakaba ari :

1. Umushingwamanza NITEGEKA Patrick arongoye JRR mu gisagara ca Bujumbura

2.ARAKAZA Florent arongoye JRR muri komine ya Musaga

3. MISITERI ERIC aringoye JRR mu Gihosha

4. Umushingwamanza KEZIMANA Hermès-King arongoye JRR mu Kinindo

5.RINGUYENEZA Richard arongoye JRR mu Kanyosha

6.NDIKUMASABO Arnaud icegera c’uwurongoye JRR mu Ngagara

7.NIYONGERE Déo arongoye JRR muri komine ya Cibitoke

8.NDAYISHIMIYE Emmanuel arongoye JRR muri komine ya Buterere

9.NTIBANYIHA Félix arongoye JRR muri komine ya Kinama

10.NDORIMANA Prosper arongoye JRR muri komine ya .Buyenzi


Aristide Nizigire

Messages

  • CONCILIYA RWANA UTWARE UMUGAMBWE NIWABA URI MU KURI ARIKO UREKE ABO BANA MAWE UMUVYEYI SI UKO ....ARIKO AGABORE BA BA PRONA NTIMWOTORA CONCILIYA EREGA POLOTIKE ABAGABO BARADUTARAMUYE NTIMUBISHIREMWO AMA SENTIMENTS MES CHERES....

  • Non mukobwa kumbe nubu ntaratwara umugabwe concilya namba atawutwara umugambwe nibawusubize benewo ahubwa ntanamaramara kuba ariko arata murudubi ivyo Bibondo rwaruka ntimuhendwe ahubwo muze dukore kugira dushobore kwitez’imbere nayabo bihoze bat’imitwe.

  • gikumi ndagutwenze!!! harya sha uwutambutse rimwe abagusize ahubwo urikijuju.consiliya ntimungana.ahuhubwo kwiye kuja kwarujanti.

  • Hahahaha!ati abakury ba jrr murantwengeje!umuntu wigihemu nkako gahungu kurusshatsi kotwara jrr gut?Arnaud ndakwinginze ureke gucafuza izina ryaw sha!ntagasoni mwe mubona concilie na gaston badateye isoni!!?

  • concilia na gaston barababaje kubona ufita imyaka nkiyabo ugishaka ikiyeri uvumvye na canecane abadd!!! garura agatima nka niyoyankana ntihagire amajambo yibitutsi azosigara araruhisha imitima yanyu mwapfuye yemwe. En tout cas muruhishije benshi, muteje urubwa abana banyu kandi uwo numuvumo wimana muminsi yanyuma yanyu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.