IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > PRIMUSIC > Abaririmvyi 12 bazobandanya ihiganwa bagiye gutangura gusaba amajwi (...)

Abaririmvyi 12 bazobandanya ihiganwa bagiye gutangura gusaba amajwi abakunzi babo

lundi 4 Myandagaro 2014

Inyuma y’itorwa ry’abaririmvyi baserukira intara mw’ihiganwa Primusic mu gice c’umunani c’amahiganwa, abaririmvyi 12 bashitse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma baramenyekanye. Inyuma yo gutorwa baciye bahabwa inomero zo gusabirako amajwi abakunzi babo.

Mu ntara ya Kirundo niho abaririmvyi 46 batowe mu ntara zose z’Uburundi bahuriye mw’ihiganwa ry’igice ca kane. Nk’uko vyari bitegekanijwe n’abateguye ihiganwa rya Primusic, abaririmvyi 12 baciye batorwa. Bahejeje gutorwa baciye bahabwa inomero bazokoresha mu kwiyamamaza barondera amajwi ku bakunzi babo. Abo nabo bazotora biciye ku butumwa bugufi (message) canke baciye ku murongo ntangazamakuru wa Primusic. Inyuma yaho, abajejwe gutanga amanota bazoharura amajwi umwe wese yaronse, bongere barabe uko baririmvye mw’ihiganwa ry’igice ca kabiri, hace hatorwa 6 bazohiganwa mu gice ca nyuma c’amahiganwa. Abatowe mu gice ca kane ni aba bakwirikira:

1) AKITERETSE Edouin Trend yatowe i Ngozi , No 7,

2) Joe Christian a.k.a Kiki Toure / Bujumbura mairie , No 2,

3) KAZE Sosthene / Ngozi , No 5,

4) NTAGANZWA Olga Lorie / Kirundo , No 1,

5) NSHIMIRIMANA Methode / Bujumbura -mairie , No 8,

6) MUGISHA Jean Junior / Gitega , No 4,

7) MUJIMBERE Gabriel / Bubanza , No 6,

8) Aletta IRANDAGIYE /Bubanza , No 9,

9) Moise BUTOYI / Bujumbura-rural , No 11,

10) Levy NSHIMIRIMANA / Mwaro , No 9,

11) Amissi Jean (El Pedro) / Bujumbura-mairie , No 12,

12) NINTERETSE Christian / Bujumbura- mairie , No 10.

Igice kabiri gishira ica nyuma kizobera mu ntara ya Gitega, kw’igenekerezo rya 16 Myandagaro. Tubibutse ko abo 46 bose baciye bahabwa ibahasha y’ibihumbi ijana y’amarundi.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.