IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi basabwa kurwanya ubunebwe kugira batuze inzara

Abarundi basabwa kurwanya ubunebwe kugira batuze inzara

jeudi 1er Rusama 2014

Urugendo rurerure rw’abakozi bo mu mashirahamwe atandukanye yaba ay’abo muri Reta canke ay’abikorera utwabo, nirwo rwaranze umunsi mukuru w’abakozi n’akazi mu gisagara ca Bujumbura.

Muri iyo defire ariko, n’aho bamwe mu bakozi bashika imbere y’ikibanza c’iteka bakamwenyura, bemeza ko bariko badefirana inzara mu nda, mu gihe hari bamwe mu bakozi batararonswa agashahara kabo, ivyo bigatuma uyu munsi bava kuri defire baca bitahira mu mihana iwabo, canke bakaza guhemburwa n’abakoresha babo inyuma y’idefire.

Muri ivyo birori vyari vyatewe iteka n’umukuru w’inama nkenguzamateka Gaburiyeri Ntisezerana, abagiye barafata amajambo bose yaba uwaserukiye abakozi canke abakoresha, bose ntibibagiye kumenyesha ko agashahara k’umukozi ari intica ntikize, ndetse bagasaba ko agashahara k ‘umukozi koduzwa. Ivyo bakaba babisavye mu gihe hamaze iminsi hari ingorane ku bijanye n’inganishwa ry’imishahara mu bakozi bo mu Burundi.

Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’inama nkenguzamateka Gaburiyeri Ntisezerana, yavuze ko ivyo abakozi basaba ku bijanye n’ingana ry’imishahara n’ukuduza imishahara, Reta ibizi kandi ibifise ku mutima, ariko ikabanza kuraba nayo aho ikura, n’uburyo ifise. Ku bwiwe ahubwo, abanyagihugu boraba kuri uyu munsi bakirimbura, bakaraba uko bakoze, aho bitagenze neza bakikosora, n’ayo aho bakoze neza, bakishimira. Avuga ko ari uko bigenda haba mu mashirahamwe ya Reta canke mu mashirahamwe y’abikorera utwabo, eka ndetse no mu bihugu biteye imbere akaba ari uko bikorwa nk’uko umukenguzamateka Ntisezerana yabimenyesheje. Ivyo rero bikaba vyotuma igihugu gitera imbere ndetse n’ako gashahara kakaduga, mu gihe abakozi boreka gushika ku kazi biyicarira, canke abirigwa ku mrigara bakayaheba.

JPEG - 1.1 Mo
Gabriel Ntisezerana, umukuru w’inama nkenguzamateka

Mukamenya ko ivyo birori vyari vyitabwe n’abantu isinzi harimwo abakozi n’abakoresha, ariko vyagiye kurangira hari abanyagihugu bari ku rushi, uretse abari mu bibanza vy’icubahiro, abandi bo baheza defire baca bibandaniriza hagati mu gisagara ca Bujumbura, aho boba baca bitahira, abandi nabo, bakaja kurindira ko amasaha yo kuja hamwe n’abagenzi babo agera, bakaja gusangirira hamwe umunsi mukuru w’abakozi n’akazi.


Aristide Nizigire

Messages

  • mbega bobo bazokura amaboko mukubandanya bafata ingingo zogushira abana bigihugu mwibarabara amafranga yabo barya uko bishakiy,navuge yigire kunwa akacupa,nakanyama.ahandi ho ntarukundo abategetsi bafitiy abarundi

  • Nivyiza ariko yiba amahera yibwa yaja mu kigega ca leta nta bukene buba buhari.falcon amahera yokuyikoresha kandi yaragurishijwe yofashije ibitari bike.abavyeyi biyungunganya mubarungikamwo igipolici kigasahura utwobariko badandaza.amasoko atangwa mu mahinyu adasanzwe,ubutare bw,igihugu ntitumenya iyo bwaciye.brigade anti corruption ifata umunyezamu ikareka directeur.

  • Mon cher ami Alexis SINDUHIJE, comme je suis membre du parti MSD depuis sa création , j’ai découvert que tu n’étais pas digne d’être le Président de la République du Burundi depuis que tu t’es donné le pouvoir d’insulter les officiers Généraux d’un pays qui tu cherchait àdiriger. Ce qui c’est passé dernièrement découle de ta manque de maturité politique. Mon cher président de notre parti, rappelez la veille du désordre que tu as dirigé àBujumbura je t’ai dis que semer le désordre dans un Pays que nous contons diriger est une mauvaise option , tu m’as répondu avec arrogance que le pouvoir des HUTUS ne doit pas continuer dans la tranquillité. Rappelez vous que un autre compatriote proche de vous vous a dit aussi que la lutte politique ne devrait pas être fondée sur une idéologie de ségrégation ethnique, tu lui a répondu qu’il n’y a pas de HUTU qui peuvent nous élire , et pourtant le Burundi n’est pas pour une seule ethnie des TUTSI.
    Nous qui sommes dans le Pays et qui ne soutiennent le désordre fondé sur la ségrégation ethnique, alors que nous nous souvenons du passé des années 1965,1969,1972,1988,1993,2003 nous nous insurgeons contre la politique divisionniste , nous voulons vivre en harmonie avec nos frères HUTUs, je lance un appel àtous les politiciens burundais de se désolidarisé avec les gens qui cherchent ànous entrainer dans des situations de violence . c’est le moment de développer notre pays , et d’ailleurs la démocratie n’est pas le désordre.

  • Nareke ubwobuswaganyi ngho shebuja yagiye kwinyegeza muntara zaruguru nacece abibuja barabahinyuye igihugu cuzuye amanyanga gusa ngo tolerance zero mbe none igezehe?huuuu nimukoremutaha nyene muzekurya ivyuya vyabenewany batibitse imikanda

  • Mbegu’ababgira kurwany’ubukene arabuzi?kw’abuheruka agikora muri inter Bank mu Buyenzi ataha mu Gatumba!yofat’amatungo y’iwe agakurakw’ica gatatu gusa akagih’abakene bangana 1.500.000prs emwe bobaho kandi bopfa barya niyibuk’iyo yavuye akiri muri Fraudeur(Frodebu) DD itaramugarukira gurtyo azoca yitaho ba nyarucari kandi batav’imusigati gusa ubonako utav’iwabo atakwerekwa,namwe muvuga ngw’abo ba DD jewe mbon’Abahima badutway’imyaka quarant ans turatekereza kuko tutagir’aho tuvugira ngo turi za Batutsi tutav’iBu ru ri njanye n’abo bobo barashizemwo na kamwe kamwe katav’i Ngozi Abahima nabo?reka di abarutse vuba mutaz’akahitiye nimwiturish’amangati ya Démocratie, abo bagabo bamaze 8ans reka tubarindire turabe ko bazokwiza 40ans bakimeze nka Hima basha tuzotor’inkoni naje nzojamwo,ubu ico nsaba nukw’Abahima bo mumirambizo boreka gato natwe duhang’amaso 1er vice Son Excellence Bazombanza n’umuvyeyi wacu Cons.Nibigira turabe ko MURAMVYA na MWARO zitotugira nkukw’abo ntavuze batugize Obj.ngo ntituva mumirambizo ngo nt’ahandi havuk’abatutsi uwaruvuz’aryumeko ubu bari hose kandi mumigambwe yose (MAFU)

  • Hahaahahahaahahah uyumugabo arantwengeje ngoturwanye ubunebwe?heheheheheee??turwizibisuma nabaryibiturire?mbe nubwo tworwanya ubwobunebwe numva baririmba nasebuja peter vyomariki nanyaburya ya tolerance zero atacoyatumariye ahubwo yaje ituvunira amaboko imugongo ariko ahomwarahihendeye nakazikany
    icomwokora nimutangure murwanye ubusuma nakarengane biba ngaho mumakori mubisata vya leta mutezimbere abikorerutwabo nigisata cuburimyi ahomuzobamwugaye ubukene kandi mukorere igihugu nkabakivukamwo atarugusahura
    mwumvikane nabenewanyu murabe kuburundi butabaneza

  • ABA DD NGO BARACISAMA11NONE GUSHIKA RYARI..BARACIKURA IMBARAGASA N INDA ZO MW ISHAMBA ..EHE RABA NTA GISUMA GIHANWA,NTA KAZI RERO GASHOBOKA ,,TWARABATOYE NONE TWARIKWEGEYE IMBUNUZA BASI ...

  • Mukobwajana,reka gufyina sha,ivyo wanditse ubona wari wabanje kwiyunvira neza???,reka gukinisha umuriro,kugira ntuzohave uguturira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.