Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarwana kw’izina ry’idini bageramiye Afrika yose - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abarwana kw’izina ry’idini bageramiye Afrika yose

Abarwana kw’izina ry’idini bageramiye Afrika yose

jeudi 30 Rusama 2013

Umukuru w’igihugu ca Ghana John Dramani Mahama aragabisha avuga ko ugukomantaza ivyiyumviro bishingiye kw’idini rya Islam bishobora guhungabanya Africa y’Uburengero yose.

Mahama yavuze ko naho Ghana itarashikirwa ubwayo, ata gihugu na kimwe kitageramiwe hamwe intagondwa zobandanya gukomera mu bindi bihugu.
Yavuze ko igikorwa c’abasoda b’Ubufaransa muri Mali cafashije kugarukana ireme muri ico gihugu ariko intambara n’ubu itarahera.

Yanashigikiye iciyumviro co gushinga inteko za Africa zo kwama zigavye kugira zifashe bikenewe. Mahama yavuze ko hari iciyumviro c’uko izo ngabo zokoresha uburyo bwova mu makori yovanwa ku ngendo z’indege hamwe no ku mahoteli ku mugabane wose wa Africa.

Umukuru w’igihugu ca Ghana aheraheza amenyesha ko Afrika yose yomera magabo kuko imirwi nk’iyo atawumenya iyo ije iva, akavuga ko ari mu ntumbero yo kuzitira batoronerwa kuko aho iyo mirwi y’intagondwa yaciye yatikije inganda


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.