Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abashakashatsi babiri ku mugera wa SIDA bitezwe mu Burundi muri Ruheshi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abashakashatsi babiri ku mugera wa SIDA bitezwe mu Burundi muri Ruheshi (...)

Abashakashatsi babiri ku mugera wa SIDA bitezwe mu Burundi muri Ruheshi 2015

mardi 17 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Mu kwezi kwa Ruheshi 2015, hari abashakashatsi b’abanyamerika bavuye kuri kaminuza "Umass University" yo muri Reta zunze ubumwe za Amerika bazorungikwa mu Burundi mu bushakashatsi, nk’uko biri mu masezerano bagiranye n’ishirahamwe ANSS ryaserukiwe na Jeanne Gapiya asanzwe ariserukira imbere y’amategeko, hamwe n’ubuyobozi bw’iyo kaminuza.

Ayo masezerano yateweko igikumu n’izo mpande zompi, avuga ko abaganga babiri bazoca baza mu kwezi kwa Ruheshi kugira bashobore guhanahana ivyiyumviro n’abaganga bo mu Burundi mu kiringo c’umwaka wose, nk’uko Jeanne Gapiya abishikiriza.

Mu kwezi kwa Nyakanga 2015, hakazoca haza abandi bashakashatsi bakuru kuri abo muri iyo kaminuza. Hazoca haba kandi n’icigwa c’ubushakashatsi, ico cigwa cari kuzobera mu gihugu kibanyi c’Ubuganda, bakaraba umuti wo kurwanya udukoko cane cane two mu nda (Vermifuges), uwo mupfasoni Jeanne Gapiya akavuga ko yashoboye kubagondoza kugira baze gukorera ico cigwa mu Burundi kandi bikaba vyashobotse.

JPEG - 71.3 ko
Jeanne Gapiya aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ANSS

Ku munsi wa kane, hakaba hari habaye inama yerekeye Uburundi, ikaba yari yateguwe mu bigo vy’iyo kaminuza nyene UMASS University muri Reta zunze ubumwe za Amerika. Jeanne Gapiya aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ANSS (Association Nationale de Soutien aux Séropositifs), amenyesha ko iyo nama yari ifise icivugo kijanye n’intambamyi nyamukuru ziri mu kurwanya umugera wa Sida mu Burundi, akavuga ko kabaye akaryo keza cane, kuko ivyavuyemwo hari akarusho bizozanira igihugu c’Uburundi. Akarusho ka mbere Jeanne Gapiya avuga n’uko igihugu kimenyekana cane, kandi iyo hari umugambi w’abashakashatsi baje mu gihugu, baza bazanye ibikoresho vyabo bigezweho, bagafasha abanyagihugu bahasanze, kandi akenshi ivyo bikoresho ntibaheza babisubira inyuma. Imbere rero y’uko atangura iyo mibonano, Jeanne Gapiya amenyesha ko yabanje kuvugana n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, muganga Sabina Ntakarutimana, mbere akaba yaciye yemera ko ubushikiranganji arongoye buzokworohereza igikorwa c’abo bashakashatsi.

Tubamenyeshe ko mu cegeranyo ca ONU SIDA, abantu bashika 83000 aribo bagendana umugera wa Sida, bakaba bari hagati y’imyaka cumi n’itanu na mirongo ine n’icenda mu mwaka w’2013. Abafise imyaka cumi n’itanu n’iyirenga bashika ibihumbi mirongo itandatu na bine, ariko abishwe n’uwo mugera nabo bakaba bashika ibihumbi bine n’amajana indwi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.