Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abashigamateka b’ishirahamwe rya afrika y’ubuseruko bagize icegeranyo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Abashigamateka b’ishirahamwe rya afrika y’ubuseruko bagize icegeranyo (...)

Abashigamateka b’ishirahamwe rya afrika y’ubuseruko bagize icegeranyo kw’ihindagurika ry’ibihe

jeudi 24 Nzero 2013

Ku musi wa kabiri igenekerezo rya 22 nzero ,umwaka w’2013 ,abashingamateka bo mw’ishirahamwe rya afrika y’ubuseruko baremeje icegeranyo catanzwe n’umurwi watumwe kugira ubushakashatsi mu gista c’uburimyi, igisata c’ingenzi, no mu gisata c’amatungo kama( resources naturelles).

Mu nama yahuje abo bashingamateka bo muri Afrika y’ubuseruko yabereye i Bujumbura , barabiye hamwe ivyavuye muri ico cegeranyo cakozwe n’umugwi w’abahinga.

Uwo murwi rero washimikiye cane kw’ihindagurika ry’ibihe, iryo naryo icegeranyo wakoze cerekana ko ibihuhusi, imyuzure y’amazi n’izindi mpanuka bihanze isi ziterwa n’ihindagurika ry’ibihe.

Uyo murwi wasabwe kugira ubushakashatsi ukaba usaba ko hakwiye kubaho mu karere kose umurwi ujejwe gukurikiranira hafi ingorane z’ihindagurika ry’ibihe.


Sylvere Bavumiragiye

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.