IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashingamateka b’abatwa boba bagira bafashe CNDD FDD kwemeza ibwirizwa (...)

Abashingamateka b’abatwa boba bagira bafashe CNDD FDD kwemeza ibwirizwa shingiro

jeudi 20 Ntwarante 2014

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana aheruka kumenyesha ko ibwirizwa nshingiro ryasubiwemwo rishobora kwemezwa imbere y’uko uku kwezi kwa Ntwarante guhera. Imvugo nazo zakurikiye ibiganiro vyahuza abanyeporitike mu nama nshingamateka, zerekanye ko abashingamateka bashobora gucisha ahabo bakaryemeza n’aho umurwi w’abashingamateka bo mu migambwe FRODEBU Nyakuri na UPRONA barahira gutora ibitandukanye n’ivyo bumvikanye mu biganiro vyo Kigobe.

Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko imbere y’impera z’uku kwezi turimwo kwa Ntwarante, ibwirizwa nshingiro ryasubiwemwo rizoba ryemejwe. Ivyo yabishikirije inyuma y’aho haheruka gutunganywa kw’igenekerezo rya 19 na 20 Ntwarante 2013, ibiganiro vyagutse vyahuje abanyeporitike n’abahirikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, aho barabiye hamwe ingingo zohinyanyurwa n’izitokorwako. Budakeye na kabiri, imvugo zakurikiye z’abategetsi batandukanye duhereye ku mukuru w’umugambwe CNDD FDD, umushingamateka Pascal Nyabenda, zerekanye ko umwanya uwariwo wose inama nshingamateka ishobora gucisha ahayo ikemeza iryo bwirizwa shingiro itisunze ivyumvikanyweko n’abanyeporitike bose.

Imirwi itatu y’abari kumwe n’umugambwe CNDD FDD mu nama nshingmateka yarasohoye urwandiko, aho yamenyesheje ko itarota yemeza ibidahuye n’ingingo bari bumvikanye mu biganiro vya bose, ikagiriza umugambwe CNDD FDD ko woba ushaka kwiyorohereza mu gutora ibwirizwa nshingiro rifatiye ku nyungu y’uwo mugambwe harimwo n’ukworohereza, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza gushikira ikiringo ca gatatu.

Iryavuzwe ryoba rigira ritahe, canke ubutigu bwoba bugeze?

Mu rwandiko rwasohowe n’iyo mirwi itatu y’abari mu nama nshingamateka na CNDD FDD aribo umugambwe UPRONA, abashingamateka b’abatwa, hamwe n’umugambwe FRODEBU Nyakuri, abashingamateka b’abatwa ntibateye umukono kuri urwo rwandiko rwerekana aho bahagaze, mu gihe abashingamateka ba CNDD FDD boshaka gutora ivyo batumvikanyeko n’abandi mu biganiro. Abateye umukono kuri urwo rwandiko ni umushingamateka Bonaventure Gasutwa arongoye umurwi w’abashingamateka ba UPRONA, hamwe n’umushingamateka Gahungu Juvenal arongoye umurwi w’abashingamateka ba FRODEBU Nyakuri.

Mukuterekana aho bahagaze, abo bashingamateka b’abatwa boba bagira bafashe umugambwe CNDD FDD kwemeza iryo bwirizwa nshingiro, mu gihe ku bashingamateka ba CNDD FDD habura bane kugira iryo bwirizwa shingiro rirengane. Twagerageje kurondera umushingamateka Alfred Ahingejeje aserukira umurwi w’abashingamateka b’abatwa kugira atange umuco, namba boba bashaka gufasha CNDD FDD, ariko ntitwashoboye kumuronka.

JPEG - 45.5 ko
Umushingamateka Alfred Ahingejeje, aserukira umurwi w’abashingamateka b’abatwa

Mwomenya ko kugira iryo bwirizwa shingiro ritorwe hakenewe abashingamateka 85. Umugambwe CNDD FDD ufise abashingamateka 81, aho mukumva ko habura abashingamateka bane. Mu gihe abashingamateka b’abatwa batatu batarerekana aho bahagaze botora ivyo CNDD FDD ikeneye, hoca habura umwe, uwo nawe agashobora kuba Bonaventure Niyoyankana wo mu mugambwe UPRONA urongowe na Concilie Nibigira yemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana.

Amakuru dufise n’uko vyari bitegekanijwe ko iryo bwirizwa nshingiro ryemezwa mu gatondo ko kuri uwu kane, ariko isango rikaba ryahindutse ku munota wa nyuma, ku mvo zitaramenyekana. Ku ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, habonetse abashingamateka ba CNDD FDD bari mu turwi, mu gihe abashingamateka b’abatwa, abo mu mugambwe UPRONA n’abo mu mugambwe FRODEBU Nyakuri batashoboye kuhaboneka.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ni baritora bizoba bigaragaje ko Abatwa naho bokwiga gute ko badahinduka mumutwe bama ari ABATERANYUMA koko!!Abatwa mwitere iteka ntimwishire muma koti ya DD!!

  • ABARONGOYE IKINYAMAKURU IGIHE TUBASABA KO AYA MAKURU MUDUHA Y’IGIHUGU CACU WOYASHIRAMU CONGEREZAKUGIRA NGO N’ABAZUNGU BATAZI IVY’IGIHUGUCACU BABISOME KUKO BABA BABISHAKA PLEASE!!Mugerageze mudufashe vuba muyaduha no mu congereza muzoba mukoze!!

  • Yuuuuh abatwa aho vyaheze ko baritora muzoza mumbarira

  • Abatwa na Arusha ntibagiyeyo , accord d’arusha niyo yabahaye ibibanza kugira baserukirwe baritoye bazoba bahemukiye amasezerano ya Arusha, tuzoca tubafata nka baburabwenge bakoreshejwe, kandi ntanguvu iryo bwirizwa shingiro ryoba rifise mugihe ryotorwa muri ubwo buryo, hazoca haduka imidugararo mugihugu, mbere no mumakungu, abo batwa rero nibigumye kuko uheza kugoka ibigori bikera

  • NI VYABA BIKENEWE KO BARITORA,BAZORITORA NYENE.

    MUGABO NI YO BARITORA BIDAKENEWE, BAKARITORA KUGIRA NGO BUZUZE IMIFUKO YABO GUSA,ICO UMUNYAGIHUGU ASHAKA NTIBAGIKORE , URUMVA KO BAZOBA ARI BA CUMITABIRAKWIYE.

    XNRHG

  • abatwa bubahutse bakaritora bazoba berekanye yuko batagira ijambo ari abateranyuma koko kuko hari hageze yuko berekana ubushingantahe bwabo tuzoca tubaharira ivomo

  • Abatwa bakaritora bamenye ko CNDD itazokwama kubutegetsi igiye bazojana nayo

  • INYUNGU ZA POLOTIKE NI HATARI !!!!ARIKO BAMENYE KO DD ITAGIRA INCUTI BAZOBIGARAMA ATARI KERA >>EDOURARD KAGUMA KABARESHA!!! REKA MWA BATWA MWE NTIMWIKWEGERE PETER NAHO ATUGEJEJE!!!

  • Aba DD ni ibijuju kabisa. Nibahirahire baritore. Ibikwirikira ntimumbaze.
    Mwumvise ivyo Peter avuga kuri Al Jazeera? Umenga ntagira ikimuhanura. Bavyita kwiyahura.

  • Nabo batwa nibareke kubashigikiramaze turabe iyo ibimaramarebizobata.uwo konsilia nawe burya ahaye yikwegeraikara mumpuzu.

  • Umutwa nimba mutamuzi rindira azoritora yashavuye.Ariko bobaza Porona ukuntu yicuza ubu.

  • weweBUMWE reka kuguma ucurintimba kwiki kinyamakuru cacu,ivyo muri kubona ningaruka mbi yintwaro mbi yabaso na basowanyu,bagumye bacinyiaz abahutu na batwa kuva kera!,none mwebwe mumyaka 8 yonyene mutanguye kuboroga,nabado,rindira gato,2015 dusubire twiyambike umutamana abahutu,nacanecane CNDD-FDD.mubanze muhahamuke,ndakurahiye Abatutsi ntimuzogenda mudasaze,mwambara ivyatsi,abandi muzoyinga.hamwe hoba abatutsi nabatutikazi bafise umutima wokubana,nokubona kure nkoa Concilia ,na NDUWIMANA igihugu coba iparadizo kumoko yose,muga rero kohakiri intunva nkamwe,ndakubwije ukuri muzogira ibibazo pe,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.