Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abatwara Imbonerakure bavuga ko batazi urwaruka ruheruka kwandikira umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abatwara Imbonerakure bavuga ko batazi urwaruka ruheruka kwandikira umukuru (...)

Abatwara Imbonerakure bavuga ko batazi urwaruka ruheruka kwandikira umukuru w’igihugu

mercredi 15 Ndamukiza 2015, par Egide N

Urwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD rurenga amajana atanu, rudashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza rwamwandikiye rumumenyesha ko rutamushigikiye. Muri buserukizi bw’Imbonerakure bavuga ko abandikiye umukuru w’igihugu batabazi.

Mw’ikete urwo rwaruka rwarungikiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, rumumenyesha ko igihugu nka cose gitekewe n’ubwoba, bamwe bakavuga ko azokwitoza, abandi bakavuga ko atabifitiye uburenganzira. Urwo rwaruka rukamusaba kudata igihugu mw’isanganya. Urwo rwaruka rumenyesha ko amaraso yohava aseseka yorwitirirwa kandi batabishigikiye, bakavuga ko batewe ubwoba n’ibishobora gushikira Uburundi hamwe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yosubira kwitoza.

Urwo rwaruka rurenga amajana atanu rumenyesha ko Imbonerakure za CNDD FDD zamaze kwigabura, kandi ko benshi muri urwo rwaruka badashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza. Abo bandikiye umukuru w’igihugu bamumenyesha atotangara abonye imbonerakure zahora zimuyoboka zimukuyeko amaboko. Urwo rwaruka rukamenyesha ko naho bari mu rugendo rwabaye kuwa gatandatu, badashigikiye ivyakozwe n’Abagumyabanga ba CNDD FDD bagenda baravuga ko "bazomesa" abadashigikiye ugusubira kwitoza ka Petero Nkurunziza.
Abo bandikiye umukuru w’igihugu bamusaba kuva mu gacerere, atomore namba azokitwitoza canke atazokwitoza. Abo bandikiye umukuru w’igihugu bamumenyesha ko azobona ko ari Imbonerakure, niyavuga ko azokwitoza, kuko nibo bazoja imbere mukurwanya ugusubira kwitoza kwiwe.

Mu kiganiro mu buserukizi bukuru bw’urwaruka rw’Imbonerakure batanze kuri uwu wa gatatu, bamenyesheje ko batazi izo Mbonerakure zandikiye umukuru w’igihugu, ko abo banditse ari ababiyitirira.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.