IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ishirahamwe ABEM riratewe impungenge n’ikiza ca cholera cabaye ndanse mu (...)

Ishirahamwe ABEM riratewe impungenge n’ikiza ca cholera cabaye ndanse mu Burundi

jeudi 7 Myandagaro 2014

Abanyeshure biga mu gisata c’ubuganga muri kaminuza y’ Uburundi bahurikiye mw’ishirahamwe ABEM ( Association Burundaise des étudiants en Médécine) basaba Reta gufata ingingo zoshoboka mu gukingira abanyagihugu muri kino gihe ibiza vyabaye ndanse.

Mw’itangazo ryateweko igikumu na Ngabo Spageon umukuru w’iryo shirahamwe, bavuga ko muri kino gihe hadutse ibiza aho batanga akarorero k’ikiza cholera na Ebola yabaye ndanse mu bihugu vy’ Afrika y’Uburengero, hamwe n’ingorane y’ibura ry’amaraso. Bimwe mu bituma hari ibura ry’amazi meza, kudakurikiza amabwirizwa y’isuku, kubona abanyagihugu batari bake badafise inyigisho zikwiye ku bijanye n’amagara y’abantu, kubona ata poritike iboneka y’ukungene botunganya uburiro hamwe n’amazu y‘ubudandaji (alimentations), aho mbere muri kino gihe usanga hari ibidandazwa vyo gufungura birirwa mw’ibarabara, ivyo vyose biri mu bituma ico kiza korera cama kigaruka uko haheze igihe.

Ku bw’ivyo vyose badondaguye abo banyeshure basavye ubushikiranganji bubijejwe bw’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa Sida, gushiraho vuba bwango ingingo zitunganya ivyo uburiro, canke n’ibindi bidandazwa vyose usanga bidandarizwa mw’ibarabara. Basaba ubwo bushikiranganji gusaba ibisata b’ibijejwe gutanga amazi akwiye mu makaritiye na cane cane aho ico kiza gisanzwe gikunda kwibonekeza hamwe n’ubwinshi bwabo bantu baba bahaba.

Abanyagihugu nabo babasaba gukurikiza amabwirizwa y’isuku, kwirukira ku bitaro biri hafi mu gihe bafashwe. Ku cerekeye amaraso akunze kubura, n’uko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwoshiraho uburyo buboneka bwo gutoza amaraso na kare ibikoresho birahari bikwiye. Ku cerekeye ebola ,Reta yofata ingingo zose zishoboka kugira ikinge uwo mugera ntushikire abarundi.


Floxella Karire

Messages

  • nihatari reka tuyirwany twivuy inyuma mugukoresha isuku mubintu vyos.

  • Cholera, Amacinya, etc..... ni i Burundi iwacu gusa. Jewe mpora nibazza iyo abategetsi bari n’ivyo bahugiyemwo bikansiga. Sinzi ko nzopfa ndanatahuye.
    Akarorero notanga ni mu Rumonge:
    Genda kw’isoko ya Rumonge urabe umwanda uhari hirya no hino, ahacururizwa ibiribwa, mu ma Restaurants n’ukuri wotangara. Uwushaka agere ahitwa mu Birimba ahafatanye na EcoBank, mutuzu twa Restaurants n’utubare tuhari uhageze wumva ushaka kuyorwa. Musitanteri wa Rumonge ari hehe?
    Mbega ko akantu kose katagenda neza uja wumva ngo "TURAKENYE, ABAFASHA LETA, ABAGIRANEZA, AMAKUNGU, etc, ubu turindiriye imfashanyo kugira turwanye umwanda?
    Uwushinzwe isuku muri Commune Rumonge ari hehe? Akora iki?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.