IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abigisha bo muri CONAPES ntibarota basubira ku kazi atagikozwe

Abigisha bo muri CONAPES ntibarota basubira ku kazi atagikozwe

mercredi 19 Ruheshi 2013

Inyuma y’aho bimenyesherejwe kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 18 Ruheshi 2013 n’umushikiranganji w’amashure y’intango n’ayisumbuye ko abatazotonda ku mirimo yabo kuva kuri uno musi wa 3 bazokwitwa abatorotse, Emmanuel Mashandari arongoye sendika CONAPES akaba yamenyesheje ko ata tegeko na rimwe ryarenzwe, haba mu kiringo categekanijwe co kugabisha ko bazohagarika imirimo canke gukora ikoraniro kaminuza.

Umukuru wa CONAPES Emmanuel Mashandari yamenyesheje ko abagize iyo yegereyegere batazova ku ngingo bafashe yo guhagarika akazi mu gihe atagikozwe.

Umushikiranganji w’amashure mato mato n’ayisumbuye, Rose Gahiru akaba yari yamenyesheje ejo mu gihe yari mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru ko iyo yegereyegere yakozwe n’abigisha bari muri sendika CONAPES, STEB hamwe na SYNAPEP idakwirikije amategeko na gato, akaba yasavye ko ibihano vyofatwa kuri abo bigisha bahagaritse imirimo.

Ku vyerekeye iyo yegereyegere y’abigisha bo mu mashure y’intango, i Bubanza abigisha bamwe bamwe bakaba bari bitavye ari benshi ku kamo k’uwo mushikiranganji w’amashure y’intango n’ay’isumbuye ko gusubira ku kivi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.