Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abigisha ibintazi mu mashengero bakwiye gufatwa bakerekanwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Abigisha ibintazi mu mashengero bakwiye gufatwa bakerekanwa (...)

Abigisha ibintazi mu mashengero bakwiye gufatwa bakerekanwa hose

mardi 25 Ntwarante 2014

Ingorane zitandukanye ziri mu madini mu Burundi, aho bamwe mu barongozi bapfa amafaranga, abandi bagapfa ayandi maronko, n’ayandi mashengero yigisha ibintazi, biri muri bimwe mu vyavugiwe mu nama yahuje umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu n’abarongoye amadini.

Amadini rero akaba aguma avuka ari mwenshi, bamwe bakabona ko ari iterambere, mu gihe ingorane nazo muri ayo mashengero ziba umuyoro. Hamwe bakaba bapfa amatungo y’ishengero, ahandi naho bakagira urudandazwa amashengero. Ariko ku mashengero amwe amwe amaze kumenyekana ko yigisha ibintazi, ndetse aho hari n’ivyumba vyitirirwa amashengero usanga kenshi bikorerwamwo ibindi biteye isoni, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, akaba asaba abo barongoye amashengero kuhabera magabo, bafashanye n’abarongoye intwaro, ako kabi gatuzwe, ndetse abafashwe nabo, bahanwe bimwe vy’akarorero, ndetse banerekanwe hose.

Abari bitavye iyo nama nabo, bakaba baragaragaje amakenga bafise ku bimaze iminsi bivugwa ku bijanye n’ibwirizwa nshingiro, aho havugwa vyinshi, ndetse bimwe ugasanga bitera n’ubwoba abanyagihugu. Kuri ivyo, Edouard Nduwimana avuga ko bidakwiye gusimbisha umutima abarundi canke amakungu, kuko ibwirizwa nshingiro rihari, ariryo rizoguma ryisungwa, gushika umukuru w’igihugu niyavuga ukundi vyogenda.


Aristide Nizigire

Messages

  • Musenyeri NTAHOTURI yari yakubwiye ministre niwaba wumva nokuri mumenye ko mwashitsaho ku ma accord ya ARUSHA murazi ko ata ntambara mwatsinze none kumvikana imbere yavyose.

  • Na wewe nduwimana ukwiye kwerekanwa kuri place publique kuko uri mu bavuga ibintazi. Amanyanga yawe ntaho ataniye nabo banyamadini ya faux

  • le ministre de l’insecuruté EDOUARD NDUWIMANA est le fils du diable son langage le caracterise.Sa langue est double tranchant.il ministre de la divisionet de la soustraction

  • nUREKE SHA KIRINYOTA MBEGA AMUBWIRA NGO YUMVE? IYO NDUWIMANA AHAYA NGO YIZE AMATEGEKO JEWE BIRANTANGAZA CAAAANE KUKO ASUMBWA KURE NIYO ABATAYIZE.ABASHINGANTAHE BO KUMUGINA BACA IZIGOROROTSE KANDI BATAVYIZE NAWE YITWA NGO YARAVYIZE,INTAHE YIWE ICIRA INKONDA.ABABUZE MUMICO YOKW’ISI BARABAHOZA NAWE ABAPOLISI ARABATUMA KUGANDAGURA ABANTU BAKABIKORA, AGACA ABWIRA ABABUZE AHAGAZE MUMIVYIMBA NGO "ABAMARATIRI MWARONDERA MURABARONSE"HANYUMA BAKAMUREKA AKAGUMA ARI MINISTRE DE L’INSECURITÉ’.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.