Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abikorera imizigo bafashwe n’agashavu basambura inzu y’uburiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abikorera imizigo bafashwe n’agashavu basambura inzu y’uburiro

Abikorera imizigo bafashwe n’agashavu basambura inzu y’uburiro

lundi 3 Kigarama 2012

Abikorera imizigo hagati mu gisagara ca Bujumbura ngo babonye ko indya abfungura zitekeshwa amazi mabi baca barasmbura inzu y’uburiro bita restaurant zitegurirwamwo kugira ngo ntibazohagaruke. Nyene ubwo buriro yasigaye yifumbereje.

Abantu bakora akazi ko kwikorera imizigo hagati mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko babonye abateka muri restaurant iri iruhande y’ibanki Ecobank bariko baravoma amazi mabi atemba mu mifurege.’’Ni arya mazi nyene mabi bakoresha mu guteka imfungurwa twihereza, kandi ni nayo baduha ngo tunywe duhejeje gufungura. Si irya mbere tubibona’’.

Bavuga ko bagiye kwitwara k’uwurongoye komine ya Rohero no k’uwujejwe isuku mu gisagara. Izo ndongozi ngo zarafashe ingingo yo kugara izo nzu z’uburiro ariko ingingo ntiyajanye n’ingiro kuko izo nzu zagumye zikora ukuri kwamye. ‘’kubera ivyo, twafashe ingingo yo kuzisambura ku nguvu kubera ni twebwe amagara yacu abangamiwe, twashatse kubabuza ko babandanya baduha uburozi. Turazi ko tutabirekuriwe n’amategeko ariko mu gihe ababijejwe ataco babibonyemwo, duca tuvyikorera’’. Uko niko bamwe muri bo babwiye, n’agashavu kenshi, bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru Renouveau. Baasaba abajejwe intwaro kuja barashira mu ngiro ingingo bafashe.

Abakenyezi bene ayo mazu y’uburiro, baratangazwa n’iyo ngendo. Bikeka ko abo bikorera imizigo boba baherewe n’abandi bafise inzu nk’izo kubera ishari. Barahakana ko badakoresha amazi mabi mu guteka imfungurwa badandaza.
Abahora baja kwihereza imfungurwa aho hantu bararahira bakarengwa ko batazohagaruka kuko ata tuzu twa sugwumwe canke amazi meza bihari.


Reverien Bazikamwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.