IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ABUCO : Ibiciro vy’ibiribwa vyaraduze mu minsi mikuru

ABUCO : Ibiciro vy’ibiribwa vyaraduze mu minsi mikuru

samedi 4 Nzero 2014

Ishirahamwe ry’abaguzi bo mu Burundi ABUCO (Association Burundaise des Consommateurs) rimenyesha ko ibiciro vy’ibiribwa vya nkenerwa vyaduze muri iyi minsi yo gihimbaza umwaka mushasha w’2014.

Noël Nkurunziza, arongoye ishirahamwe ABUCO asigura ko iryo duzwa ry’ibiciro ahanini ryavuye ku badandaza bariko bironderera inyungu z’umurengera. Ibiribwa vyadugijwe kuruta ibindi ni nk’ubwishaza, umuceri, inyama n’izindi mboga, bikaba vyadugijwe ku rugero rw’ibice icumi kw’ijana bagereranije n’ingene vyagurwa imbere y’iminsi mikuru. Ukwo kuduza ivyo biciro kwatumye hibonekeza imice ibiri y’abanyagihugu bahimbaje iminsi mikuru mu buryo butandukanye. Abakene bahimbaje iminsi mikuru mu buryo busanzwe cane, abatunzi nabo bigurira ivyo bakeneye vyose nk’uko bisanzwe.

JPEG - 36.2 ko
Noël Nkurunziza, arongoye ishirahamwe ABUCO

Mw’ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO, bagereranije n’umwaka uheze, basanga abantu benshi batashoboye guhimbaza umunsi mukuru w’umwaka mushasha kubera ubukene bwugarije abanyagihugu, ari navyo vyatumye iyo minsi mikuru ifatwa nk’iyisanzwe.

Kugira ubwo bukene buri mu banyagihugu bushobore kuhava, Noël Nkurunziza arongoye ishirahamwe ABUCO amenyesha ko inyishu ar’uko Reta y’Uburundi yorwiza imigambi y’ugushinga ubuzi buto buto, kugira abanyagihugu bashobore kuva mu bukene bubugarije.

Noël Nkurunziza arashima ingingo y’ubushikiringanji bw’uburimyi n’ubworozi buriko burahimiriza abarimyi, kandi bubakurikirana kuva mw’itera, ukubashikiriza ifumbire, hamwe n’ukubahamagarira gushingura neza umwimbu. Ivyo bizofasha kudasubira kubona ibiringo ibiribwa biboneka n’ibindi biringo ibiribwa bibura kw’isoko, canke bikaboneka bizimvye.

Ishirahamwe ABUCO risaba Reta ko yogabanya amakori atozwa ku birimbwa vya nkenerwa, kugira n’ibiciro bishobore kugabanuka.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.