Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ADC Ikibiri izotanga umwe azobaserukira mu matora yo mu 2015 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > ADC Ikibiri izotanga umwe azobaserukira mu matora yo mu 2015

ADC Ikibiri izotanga umwe azobaserukira mu matora yo mu 2015

lundi 11 Munyonyo 2013

Abarongoye imigambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri, batanguye kumenera inda ku rukumu ko, mu matora yo mu mwaka w’2015 atankeka bazotanga umwe, akaba ariwe abaserukira muri ayo matora.

Alexis Sinduhije umwe mu barongoye umugambwe uri mw’ihuriro ADC Ikibiri, asaba abanywanyi biwe kuzotora uwo urwo runani ruzoba rwashize imbere. Umukuru w’umugambwe MSD akaba yabivugiye mu rugendo yaramazemwo iminsi mu ntara ya Bujumbura, aho yasavye abari mu mugambwe wiwe i Mugongo ko bashobora gushira imbere Rwasa, Nyangoma, we canke umukenyezi, canke uwundi wariwe wese ariko ari muri urwo runani, ariko bakazohuriza kuri umwe muri urwo runani rwabo.

Sinduhije rero akaba yaraboneyeho no kubararira abanyamugongo ico yibaza kubivurwa ko abanyagihugu buca bonyene bagira ico baterereye mw’ihinduka rya zimwe mu ngingo zigize ibwirizwa nshingiro. Sinduhije rero amenyesha ko abanyagihugu ari ukubarenganya, ko ahubwo ivyo vyokwirwa n’abanyepolitike bonyene, abanyagihugu bakamenyeshwa ivyavuye mu mwumvikano wabo.

Abari muri ADC Ikibiri rero nka bose, bakaba bamaze iminsi biyamiriza ibijanye n’ihinduka ry’ibwirizwa nshingiro, ndetse kuri ivyo Rwasa Agathon asanwze ari muri urwo runani, akaba yavuze ko Uburundi bwoba butanganje mu gihe ibwirizwa nshingiro ryoba rigira rihinduke mu myaka idashika na 15 ribayeho. Asaba abarongoye igihugu kurabira uburorero bw’ibindi bihugu bigize aka karere nka Tanzaniya na Kenya, aho vyabanje kwigwa n’abanyepolitike, kugira bahindure zimwe mu ngingo z’ibwirizwa nshingiro ryo mu myaka ya 70.


Aristide Nizigire

Messages

  • Alexis, abarundi beneburundi barazi politique kandi barategera langage de nos pauvres politiciens. Bavuze ko u Burundi butigeze burwa mw’isanganya, menya ko ari kubera la population bicirw’ubusa ariko batigera bakinjura canke banke kwitaba ubutumwa bw’ababacinyiza. CNDD-FDD ko yanse kubajenamisha muri iryo hinyanyurwa ry’itegeko nshingiro, hama ADC-Ikibiri mukaba mutavyemera, mbona ko mwobihoza bakarishira imbere y’abanyagihugu. Ibuke ko la politique iri dynamique kandi lobbying na nyarucari arazi kuyigira. Nya Nouvelle Constitution yemejwe, ntibisigura ko mu matora y’2015 hazotsinda CNDD-FDD. Turets’ubwo burorero bw’1970 muri Kenya, ibuke SAHWANYA-FRODEBU avec Ndadaye Melchior itsinda UPRONA ya Buyoya...!!!
    Buyoya muri campagne
    akikijwe na Nicolas Mayugi na Ngeze François
    yifatishije umwana w’umuhutu, umuseru ujejeta
    Population
    bamanitse intoke zitatu
    bose(abatwa, abahutu n’abatwa) bambaye rouge et blanc
    Jewe ico mparanira ni uko mwokwemererwa gukorera benegihugu ku mugaragaro. Ni vyiza ko mwumvikana mugaserukirwa n’umuntu umwe mu matora y’2015. Wewe, Rwasa, Nyangoma, Léonce N. etc..umwe wese akore azi kandi yibuka ivyo mwasezeranye. Ni n’ico nibaza ko BNUB, ambassade n’ayandi mashirahamwe yipfuriza abarundi kugire tugir’amahoro, tunatez’imbere igihugu cacu. Indyane n’amacakubiri, ni ukubirwanya.

  • ego nivyiza ikibiri gitanze umu candidant umwe

  • adc komera kwibanga twebwe abanywanyi tubasavye ko mwoshira imbere umugabo wijunja nijambo ariwe ateye ubwoba abaraho ariwe abajugumiza
    adc komera turabashigikiye turi inyuma yanyu

  • Ni vyiza yemwe pourvu que ca dure,,,

  • Ni vyiza yemwe pourvu que ca dure,,,

  • Komera ADC kuko ntawusambura ubumwe bwibihangange nkamwe

  • Mbega uwo azoserukira ADC Ikibiri yoba ari nde ko umengo mubari kwisonga bose bagomba ubutegetsi! Yoba ari Leonce? Rwasa? Sinduhije? Emwe mbaye nkuwundi aho hepfo yavuze ati " Pourvu que ca dure". Nayo abo bavuga ko bashize hamwe bararaba ko batariko barahendana kuko muri politique niwo mukino. Rwasa we ntiyibagire agahitiye aho bamuhenze akamara imyaka itatu mu kinyegero ba Leonce, n’abandi biraramiye i Kiriri. Nayo kubijanye n’Ibwirizwa shingiro biraboneka ko abagiye i Arusha hari impinduka babona zibasugereje baca bitegurira ukwo bazoguma kubutegetsi. Ariko ukwo biri kwose nibahe umwanya ubutegetsi n’abanyagihugu babihinyanyure.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.