Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ADC Ikibiri: Umuzo wa Rwasa waduhimbaye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ADC Ikibiri: Umuzo wa Rwasa waduhimbaye

ADC Ikibiri: Umuzo wa Rwasa waduhimbaye

mardi 6 Myandagaro 2013

Umunezero ni wose muri ADC ikibiri, inyuma yaho Rwasa Agato agarukiye ku rubuga rwa politike, inyuma y’imyaka itatu atawuzi aho yahungiye. Muri ADC rero n’ubu ngo bagire basubire bakore kandi n’inguvu nyinshi nk’uko vyashikirijwe na Leonce Ngendakumana umukuru w’urwo runani.

Leonce Ngendakumana rero akaba yasavye abari ku butegetsi, kugabanya gukoresha inguvu kuko igihe Uburundi bugezemwo inguvu ataco zoshikako, na cane cane aho igihugu kigeze muri politike. Ivyo akaba yabishikirije i mugira kwa Rwasa Agato, aho yari aje kumwakira co kimwe n’icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU Ferederiko Bamvuginyumvira. Ikindi n’uko muri ico kiganiro Leonce Ngendakumana yashoboye kubeshuza urukurukuru rwariko ruravurwa ko ikibiri kitari caje kumwakira kw’Iraro.

Ngendakumana avuga ko bari harya kw’Iraro, kandi atan’icotuma na kimwe badashobora kuza kumwakira, na rirya asanzwe acemera ibikorwa vya ADC Ikibiri, naho hari ayandi makuru avuga ko imigenderanire yoba itifashe neza bivanye n’amategeko yoba yasigawe aratorwa amwe ugasanga atazokworohereza Rwasa mu gihe c’amatora. Aha twovuga nk’ibijanye n’amashure, ng’aho FRODEBU n’ikibiri cose muri rusangi boba baremeje iyo ngingo mu nama bahuriyemwo mu ntara ya Kayanza.

Ariko rero n’aho biri ukwo, Rwasa ico kibazo bisa n’aho kitamuteye ubwoba mu gihe yamenyesheje ko amategeko atorwa n’abantu atari ijambo ry’Imana, ayo nayo agashobora guhinduka umwanya uwariwo wose. Ikibazo gisigaye, ni ukumenya naho iyakirwa ryiwe ryari rikomeye, ko umugambwe wiwe abasanzwe bawurongoye uyu munsi, kandi ari nabo bemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Reka turindire turabe iyo bizotera bija, ibijanye na kazoza k’umugambwe wa Gahutu Remy.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.