Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’epfo : Abantu babiri bitavye Imana mu masasu yarashwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo : Abantu babiri bitavye Imana mu masasu yarashwe (...)

Afrika y’epfo : Abantu babiri bitavye Imana mu masasu yarashwe n’igiporisi

mercredi 29 Nzero 2014

Mu gisagara ca Johannesburg mu gihugu ca Afrika yepfo, hari abantu babiri barashwe n’igipolisi mu myiyerekano yariko ibera mu buraruko bw’ico gihugu.
Nkuko vyamenyeshejwe n’igipolisi ca Afrika yepfo kuri uyu wa gatatu wa 29 Nzero 2014, igiporisi civunye abantu bari baje gutera ikirindiro cabo mu myiyerekano yariko ibera i Johannesburg.

Hangwani Mulaudzi, umujandarume akorera ahabereye iyo myirekano, avuga ko igiporisi catanguye kurasa ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri igihe abariko bagira imyiyerekano bitwaje ibirwanisho bagera ku 1500 batera ikirindiro c’igiporisi hafi ya Tzaneen.
Ku bivurwa ko igiporisi cishe abantu, umuvugizi w’igiporisi avuga ko barashe bariko bagerageza kwivuna abari baje kubatera babasanze ku kirindiro cabo, ari naho bagiye kubona mu nyuma ko hari abantu babiri bakomerekejwe vyo gupfa igihe bariko bararasa.

Abanyagihugu bagize imyiyerekano inyuma yaho baboneye ikiziga c’umukenyezi kirambaraye mw’ibarabara. Igiporisi kikaba cari cafashe abantu babiri bakekwa imbere y’uko babarekura, ariko ivyo bikaba bitabujije ko abanyagihugu bihora mukubaturirira amazu yabo.
Kuvyahononekariye, haharurwa abaporisi bagera kuri 15 bakomeretse, muribo batatu bakaba bababaye cane, imiduga 19 y’igiporisi yononekaye hamwe n’umuyabaga yahakubitiwe arashaya. Mubariko bagira imyirekano icenda bakaba bamaze gufatwa.

Ibirwanisho vy’igiporisi vyoreshejwe muri iyo myiyerekano bikaba vyaciye bijanwa aho babisuzumira kugira barabe ko uwo muyabaga yoba yarashwe n’igiporisi nk’uko bivurwa, mu gihe igiporisi kimaze gutungwa agatoke akatari gake mu guhonyanga agateka ka zina muntu mu gihugu ca Afrika yepfo.

Mwokwibuka ko kuvyari vyabaye mu kwezi kwa Myandagaro mu mwaka w’ 2012, aho igiporisi cagirizwa kuba cararashe abantu bariko bagira imyiyerekano i Marikana, abagera kuri 34 baca bahasiga ubuzima na 78 bahakomerekeye, vyatumye haba icuka kibi hagati y’abanyagihugu n’igiporisi.
Ikindi naco catumye igiporisi ca Afrika y’epfo cankwa urunuka n’abanyagihugu, akaba ari uguhana bitabereye cakoze igihe hari umunyamozambike yafashwe ariko ahagarika umuduga ahatariho. Mukumuhana baca bamuzirikira ku kiziriko nk’impene, bagenda baramukwega mw’ibarabara gushika n’aho yitaba Imana.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.