Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’epfo:Uwahoze ari umukenyezi wa Mandela aratanganzwa n’ikurikiranwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo:Uwahoze ari umukenyezi wa Mandela aratanganzwa n’ikurikiranwa (...)

Afrika y’epfo:Uwahoze ari umukenyezi wa Mandela aratanganzwa n’ikurikiranwa ryiwe

lundi 18 Ntwarante 2013

Uwahoze ari umukenyezi wa Nelson Mandela yaratangajwe no kwumva ko ubucamanza bwo muri Afrika y’epfo bushobora kumukurikirana, inyuma y’izurwa ry ’ibisigarira vy’abahoze biyamiriza ikumirwa rifatiye ku rukoba. Imiryango yabo imwagiriza uruhara muri urwo rupfu, ivyavuzwe n’umwe mu bashingwamanza ,MopsMageza.

Uwo mukenyezi wa Nelson Mandela yari yipfuza kugaragaza uburyo yaguye mu gahundwe akimara kwumva ibiri mw’itangazo ryasohowe na PhindiLouw kw’izina rya parike. Uwo yavuga ko hariho ivyo bategerezwa kwisunga bishobora gutuma Winnie akurikiranwa ku rupfu rwa Lolo Sono hamwe na Siboniso Tshabala nk’uko yabitangarije itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP kuw’Imana igenekerezo rya 17 Ntwarante

Ibisigarira vyazuwe kuwa kabiri uheze mw’itongo ry’abapfuye ry’i soweto, vyibajijwe ko vyoba ari ibisigarira vy’abo banywanyi babiri bazimiye kuva mu mwaka 1988.Icigwa c’amaraso (test ADN)gitegerezwa kuvyerekana hama igipolisi kikagira icegeranyo.’’Hanyuma tuzobona ko dushobora kumukurikirana canke ntitubikore’’,vyavuzwe n’umupfasoni Louw igihe bazura abo bantu.

Corlett’’lolo’’yari afise imyaka 21,hama Siboniso Anthony shabalala nawe akaba yari afise imyaka 19. Bompi bari intumwa mu gisata co kwiyamiriza ikumirwa rifatiye ku rukoba mw’ibaba ry’igisoda ca ANC. Bacumitswe gushika aho bacikana mu kwezi kwa Munyonyo 1988 .Ibura ryabo bantu,umurwi ushinzwe gutatura amatati no kurekuriranira ukaba warishize ku gatwe ka Winnie Mandela.

Abo bagabo babiri, abari bababonye ubwanyuma, hari ku muhana wo kwa Winnie Mandela. Icegeranyo c’uwo murwi naco, gisaba ko Winnie Mandela yemera uruhara rwiwe mw’ibura ryabo. Uwo yahoze ari umukenyezi wa Mandela, yarabeshuje cane ivyo, mu kwamirira kure ico cose kimushirako isano n’ibura ry’abo bantu babiri.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.