Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’epfo yasavye ikigongwe Malawi ku majambo ya Jacob Zuma - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo yasavye ikigongwe Malawi ku majambo ya Jacob Zuma

Afrika y’epfo yasavye ikigongwe Malawi ku majambo ya Jacob Zuma

vendredi 25 Gitugutu 2013

Umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, Jacob Zuma yasavye ikigongwe abanyagihugu bo muri Malawi. Igihe yariko ashikiriza ijambo ku banyagihugu ko bokwubaka amabarabara manini manini mu gisagara ca Johannesburg, yavuze ko Johannesburg iri muri Afrika y’epfo, atari muri Malawi, ko hategerezwa kuba amabarabara adasanzwe.

Igihugu ca Afrika y’epfo casavye ikigongwe inyuma y’aho umukuru w’igihugu Jacob Zuma ashikiririje ayo majambo asa n’ayasuzugura igihugu ca Malawi. Igihugu ca Malawi camenyesheje ko n’aho ayo amajambo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo ari ay’agasuzuguro, bamenyesha ko ataco azokwica ku migenderanire y’ivyo bihugu bibiri, nk’uko vyamenyeshejwe na Quent Kalichero, umuvugizi w’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, mu gihe yari aronse insiguro zavuye ku mukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo Jacob Zuma.

Jacob Zuma akaba yamenyesheje ko ata ntumbero n’imwe yari afise yo gutuka abanyafrika canke abanyamalawi. Amajambo ya Jacob Zuma akaba yarashavuje cane abo mu mugambwe utavuga rumwe na Reta muri Afrika y’epfo. Mu nyuma, umuvugizi wa Reta yarafashe minenerwe ayo majambo ntiyayavuguruza. Kubw’uwo muvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Malawi n’ibindi bihugu, yaciye amenyesha ko imigenderanire y’ivyo bihugu itazohungabana.


Floxella Karire

Messages

  • Wamubyeyi uyobora Malawi turabizi, kuyobora bigoye, ariko urongojwe nanyagasani ntakidashoboka imana, ikongerere ubumenyi.abanyafrica ibigishe kunyurwa nibyo bafite ibyishi bitagira amahoro ntabyo dukeneye!

  • Umuyobozi witwa Mobutu nibamusubiza iwabomuri.zÃ¥ire ntakintu nakimwe bazamuhambana.yarafite imitungo myishi kwisi. byamumaliki.? ibyishi byinduru abanyafrica ntabyo dukeneye. nibya shitani?. dusangire ibyimana yaduhaye.birabaje kubona umuntu bamuhenda agatunga amamodoka 50.arumwe ngomamali iki? turebe nokwiherezo ryacu

  • huyu muyobozi witwa zuma afise, abakenyezi bangahe??

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.