Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agahungu k’imyaka 8 kabiriye umugore w’imyaka 61 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Agahungu k’imyaka 8 kabiriye umugore w’imyaka 61

Agahungu k’imyaka 8 kabiriye umugore w’imyaka 61

mardi 12 Ntwarante 2013

I tshwane,muri Afrika yepfo,Sanele Masilela w’imyaka umunani,yabiriye Helen Shalem w’imyaka 61 biciye muvy’ubupfumu.Ako gahungu kashikije ubugombe bwa sekuru wako yashaka ko umwuzukuru wiwe agira ubugeni ningoga.

JPEG - 16 ko

Sanele n’umuryango wiwe bateguye ubwo bugeni mu mezi abiri gusa kugutinya ko bohava bashavuza « abavyeyi »muvy’ubupfumu.Uno munsi, bakaba bariko baremeza abantu biyamirije ubwo bugeni budahuye n’amatekego,ko atari ibirori nk’ibindi.

Bavuga yuko ubugeni bwa Sanele na Helen ari umugenzo nk’iyindi migenzo.
Aho muri Afrika yepfo bavuga yuko,ako gahungu k’imyaka umunani kabiriye uwo mugore w’imyaka 61 kubera umuzimu wa sekuru wako gahungu wari wabigasavye ngo kandi akabigira mumaguru masha.

JPEG - 20.7 ko

K’ugutinya ishavu ry’uwo muzimu ko ryobarwako,umuryango wa Salene waciye utegura ubwo bugeni vyihuta.Bamwe mubanyafrika yepfo,barababajwe cane n’ubwo bugeni gushika naho baja muri kabaza, babazanya bati :« ubwo bugeni, ni bwoko nyabaki ? ».Ariko barabonye ko atari ibirori nk’ibindi ari umugenzo uraba kubisanzwe abo baba bubakanye.

Nk’uko bisanzwe bikorwa mu migenzo yabo,Sanele Masilela yaracishije umugozi mw’izosi rya Helen Shabangu yarasanzwe yubatse akaba na nyina w’abana batanu.Umuryango wa Salene watanze ama euro ibihumbi 572 y’ikanzu y’umugeni n’ayandi ashika 1200 kubw’umusi wateguriwe ubugeni.

JPEG - 25.6 ko

Nimba ubwo bugeni ari umugenzo gusa wo kugira banezereze abapfuye,Sanele na Helen bavyifashemwo neza.Ako gahungu k’imyaka umunani,karashoboye kwambika impeta Helen k’urutoke imbere y’abatumire bagera kw’ijana, imbere yuko kamusoma.

Patience Masilela ntashigikiye na gato ubugeni bw’umuhungu wiwe nubwo nawe asanzwe ashigikiye ivy’ubupfumu. Ngo imbere yo gupfa,sekuru wa Sanele atigeze yubaka urwiwe,yari yaripfuje ko umwuzukuru wiwe yogira ubugeni hakiri kare.

JPEG - 18.5 ko

Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.