Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Agahungu k’imyaka 8 kabiriye umugore w’imyaka 61
Agahungu k’imyaka 8 kabiriye umugore w’imyaka 61
mardi 12 Ntwarante 2013
I tshwane,muri Afrika yepfo,Sanele Masilela w’imyaka umunani,yabiriye Helen Shalem w’imyaka 61 biciye muvy’ubupfumu.Ako gahungu kashikije ubugombe bwa sekuru wako yashaka ko umwuzukuru wiwe agira ubugeni ningoga.
Sanele n’umuryango wiwe bateguye ubwo bugeni mu mezi abiri gusa kugutinya ko bohava bashavuza « abavyeyi »muvy’ubupfumu.Uno munsi, bakaba bariko baremeza abantu biyamirije ubwo bugeni budahuye n’amatekego,ko atari ibirori nk’ibindi.
Bavuga yuko ubugeni bwa Sanele na Helen ari umugenzo nk’iyindi migenzo.
Aho muri Afrika yepfo bavuga yuko,ako gahungu k’imyaka umunani kabiriye uwo mugore w’imyaka 61 kubera umuzimu wa sekuru wako gahungu wari wabigasavye ngo kandi akabigira mumaguru masha.
K’ugutinya ishavu ry’uwo muzimu ko ryobarwako,umuryango wa Salene waciye utegura ubwo bugeni vyihuta.Bamwe mubanyafrika yepfo,barababajwe cane n’ubwo bugeni gushika naho baja muri kabaza, babazanya bati :« ubwo bugeni, ni bwoko nyabaki ? ».Ariko barabonye ko atari ibirori nk’ibindi ari umugenzo uraba kubisanzwe abo baba bubakanye.
Nk’uko bisanzwe bikorwa mu migenzo yabo,Sanele Masilela yaracishije umugozi mw’izosi rya Helen Shabangu yarasanzwe yubatse akaba na nyina w’abana batanu.Umuryango wa Salene watanze ama euro ibihumbi 572 y’ikanzu y’umugeni n’ayandi ashika 1200 kubw’umusi wateguriwe ubugeni.
Nimba ubwo bugeni ari umugenzo gusa wo kugira banezereze abapfuye,Sanele na Helen bavyifashemwo neza.Ako gahungu k’imyaka umunani,karashoboye kwambika impeta Helen k’urutoke imbere y’abatumire bagera kw’ijana, imbere yuko kamusoma.
Patience Masilela ntashigikiye na gato ubugeni bw’umuhungu wiwe nubwo nawe asanzwe ashigikiye ivy’ubupfumu. Ngo imbere yo gupfa,sekuru wa Sanele atigeze yubaka urwiwe,yari yaripfuje ko umwuzukuru wiwe yogira ubugeni hakiri kare.
Mariella Bukuru




Messages
13 Ntwarante 2013, 00:47, par A two(ei tu)
none kweri baragiye imbere yamategeko baremera kubandika?muga namba uzinkuru twumva hirya n’ohino arizo isi yateye intambwe ntituzi iyirikutambuka ija!!
13 Ntwarante 2013, 06:53, par sinzobatohana juma
Muragaba abasoma mwiyubare.ivyo bitwerekako Yesu ari mkurugi.
13 Ntwarante 2013, 16:29, par Nijimbere claude
mbega, umwana atarakwiz’imyaka yokubaka hariho amategeko
abimurekurira?
nimba izinkuru ariz’ukuri, ntabwo
twibaza ko bazobana akaroruhore,kandi isi yanone, igeze kumusozo.
umuntu az’Imana nayisenge
muri mpwemu no mukuri.
14 Ntwarante 2013, 04:50, par munyaneza yvonne
iryo ni irementanya. hamwe vyoba ari vyo;duseng Imana bigume hiyo nyene: uwo muzimu ubagumemwo
14 Ntwarante 2013, 11:37, par twagira jb
ibingibi ni ikinamico ya kidayimoni niko tubivuga mu kinyarwanda imana yo mu ijuru irengere isi ndetse n abayituye.
14 Ntwarante 2013, 18:49, par Fabien Nzeyimana
Ahaaaaaa! Ibibintu nimba ari ukuri bisobanurako YESU aje
niba iri nububeshi kuri int.net nihahandi bisobanura kwaje.icakora BIBLIYA ni ivyanditwe vyera vyahumetswe na rurema! Abashitsi mwisi harageze kodutaha.
9 Rusama 2014, 20:10, par fel
ntagovyoshoboka ataranamerumushatsiwohepfo
13 Nyakanga 2016, 20:16, par Fabien HAVYARIMANA
nakamaramaza uwomugoreyeretse ubwambure umwana nkuwo arakwiye guhanwa bishemeye kuko nishuga mami uwo sekurunawe bamufunge imyaka 15
1er Ruheshi 2018, 12:19, par Jacques Murengezi
Birakomeye Cyane Yesu Agiye Kuza Kuko Bino Bintu Kera Ndibyabagaho Nukuvugango Tube Maso Benedata Maranatha