Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agashimwe k’Isanganiro Awards katahukanye umuririmvyi atari bwamenyekanye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Agashimwe k’Isanganiro Awards katahukanye umuririmvyi atari bwamenyekanye (...)

Agashimwe k’Isanganiro Awards katahukanye umuririmvyi atari bwamenyekanye cane

lundi 23 Ruheshi 2014

Ihiganwa ryo kurondera umuririmvyi w’umwaka ryateguwe n’insamirizi Isanganiro mw’ihiganwa Isanganiro Awards ryaraye rirangiye. Umuririmvyi ataramenyerewe cane mu muziki w’Uburundi niwe yaraye atahukanye ako gashimwe.

JPEG - 1.1 Mo
Vincent Nkeshimana, na Jean Jacques Nyenimigabo bahaye agashimwe M.John

Umuririmvyi N. John niwe yaraye atahukanye agashimwe kitiriwe Isanganiro Awards. Ururirimbo "Ndasavye Ijambo" rwa N.John rwaraye rumuteye iteka ryo kurengana ibihangange bizwi mu muziki w’Uburundi, aha tuvuga nka ba Big Fizzo, Lion Story, ba Sat b n’abandi batari bake bari muri iryo higanwa.

JPEG - 1.1 Mo
Sat b

Indirimbo zakwirikiranye uku:

1) Ndasavye Ijambo ya M John,

2) Wawundi ya Emery Sun,

3) Siko Nabisanze ya Spok’s

4) Izera na Lion Story,

5) Bajou na Farious

6) Reka Mbege na Sat b,

7) Urashoboye na David Nduwimana,

8) Yuguruye ntawugara na Redemption

9) Sinkakubure na Samantha

10) Agaplipili ya Steven Sogo,

N.John ava mu ntara ya Karusi ahejeje guterwa iteka mu gutsinda ibihangange bari kumwe. N’umunezero mwinshi yambaye ibendera y’igihugu ati:" Numva umunezero mwinshi kuko aka gashimwe atako nari niteze." Inyuma yiwe umuririmvyi Emery Sun ntiyari anezerewe cane.

Ico twobamenyesha n’uko abaririmvyi bari mw’ihiganwa batari bitavye bose kuko nka Farious, Samantha, umurwi Lion Story, David Nduwimana na Steven Sogo batari bitavye ibirori.

Mwomenyako kandi ko ibirori vyo gutanga agashimwe k’Isanganiro Awards ku ncuro ya kane vyari bihagarikiwe ku ncuro ya mbere n’uwahoze arongoye ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama Jean Jacques Nyenimigabo, hari kandi Vincent Nkeshimana, umuyobozi w’Isanganiro, Excellent Nimu yatanguje iciyumviro c’ihiganwa, Bruno Simbavimbere batazira Member arongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi, uwaserukiye ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imicokama n’abandi batari bake.

Mwomenya kandi ko umuririmvyi Rally Jo yambitswe ikanga rwiwe kuko atari yararironkejwe igihe yatsindira iryo higanwa mu mwaka w’i 2010.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Ndagukeje rwooose, M. John waraye utahukanye intsinzi y’ihiganwa Isanganiro Award y’uno mwaka w’2014. Ndakwifurije gutera imbere nk’umuzinga, uzorushirizeho gukora ibikora inka. Uri umwana w’Uburundi, twese turakwishimiye cane. Mboneyeho n’akaryo ko kugutumira mw’iyugururwa icese ry’uruganda nkarishabwenge INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA izotanguza ku Rwaruka rwo mu Ntara ya Gitega kuva itariki 7 Mukakaro gushika 30 Myandagaro, rukazobera mu kigo ALLIANCE FRANCAISE y’i Gitega. Twateguye vyinshi tugiye kwigisha urwaruka muvyo kunagura Umuziki w’Uburundi tukawusubiza akanovera kawo.
    Abandi baririmvyi mwese namwe mwagiye muri iri higanwa rya Isanganiro Award, nimukomere ku mwuga wanyu, ntimucike intege canke ngo muhe amatwi aboba babavuga ukundi. Mwese turabakunda, turabiyumvamwo kandi turabashigikiye twifuza ko twese twoshira inguvu hamwe, tukanagura Umuziki kavukire w’Igihugu cacu. Dufatanije turashobora gukora ivyiza vyinshi, tugaha izina ry’iteka Igihugu cacu mu makungu nk’uko abandi baririmvyi bo mu bindi bihugu vya Afrika babikoze. Muri beza mwese, mufise amajwi y’igitangaza yahezagiwe n’Imana; ahubwo ngwino twegerane dushigikirane, tuduze umuziki wacu.
    Namwe nyene ndabatumiye mu birori vy’iyugururwa ry’urwo ruganda nkarishabwenge twateguriye Urwaruka rw’i Gitega. Muradutera iteka kw’itariki 7 Mukakaro aho tuzoba twugurura icese ivyo Bikorwa. Kaze!

  • Ntitwokwibagira gushimira twivuye inyuma Umuyobozi wa Radio Isanganiro, we ari ku mutwe w’itegurwa n’itunganywa ry’iri Higanwa ryiza cane rya Isanganiro Award. N’akomere, abandanye, turamushigikiye twese abakunda umuziki w’Uburundi. Turamusavye no mu mwaka uza aze yongere gutumirira Urwaruka rw’Uburundi ku rindi Higanwa.
    Turashimiye kandi n’umumenyeshamakuru CHRISTIAN NSAVYE akora atiziganya, akagamburukira Radio Isanganiro mu kwitanga n’inguvu ziwe zose kugira iryo Higanwa riteye igomwe ryame riba. Uku guhura kw’Urwaruka, rukaririmba, rukidagadura, NI KIMWE MU BINTU BIKOMEYE VYUBAKA AMAHORO N’UMWUMVIKANO N’UKUNYWANA KW’URWARUKA. Nimubandanye !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.