Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agiye kuzokina muri Kiyovu Sport - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Agiye kuzokina muri Kiyovu Sport

Agiye kuzokina muri Kiyovu Sport

mercredi 15 Nzero 2014

Abakinyi b’umupira w’amaguru bagenda bahindura imirwi bakinamwo. Ivyo guhindura imirwi vy’abakinyi biva kuri vyinshi. Abakinyi batanu b’umurwi wa Vital’o baherutse kugurwa n’umurwi Kiyovu Sport wo mu gihugu c’Urwanda.

JPEG - 70.6 ko
Umurwi wa Vital’o waronse igikombe ca CECAFA, i bubamfu hari Girukwishaka Michel

Umukinyi w’inyuma w’umurwi wa Vital’o yambara inomero 6, aherutse kugurwa n’umurwi Kiyovu Sport wo mu gihugu c’Urwanda. Girukwishatse Michel ni umwe mu bakinyi 5 baherutse kugomwa n’Urwanda. Michel amenyesha ko naho amasezerano yiwe n’uwo murwi atarahera neza, arafise icizere co kwinjira muri Kiyovu Sport kuko ibitari bike baramaze kubivugana kandi aramaze no kugira imyimenyerezo muri uwo murwi, rero umwanya wose bashobora kumutumako.

Tumubajije igituma yemeye guheba umurwi wa Vital’o akaja muri Kiyovu Sport, Michel amenyesha ko yagomvye kurondera ahasumba ahandi, kandi kubona yaragomye n’uwo murwi wo mu Rwanda n’uko babonye ko ashoboye vyinshi mu mupira w’amaguru cane cane igihe bari mu nkino za CECAFA zo mu mwaka w’2012, umurwi wa Vital’o ugatahukana igikombe. Abandanya avuga ko guhindura umurwi ari vyiza cane kuko umukinyi yunguka vyinshi, haba mu buhinga bwo gukina arahura ku bandi, haba mu bumenyi yunguka kubera yahinduye ikibanza agahura n’abandi bantu batandukanye eka ngo no kumenyekana aca amenyekana cane.

Kuja mu murwi wa Kiyovu Sport kuri Michel bisaba ko aca ahindura n’akabira. Ivyo rero biri muvyatumye ateba kugenda kuko ikarata karangamuntu yo mu Rwanda yiwe itarasohoka, ariko abo bamuguze baramubwira ko bigiye gukunda maze uwo mukinyi ahindure umurwi yongere ahindure n’igihugu. azohore akinira n’umurwi nserukiragihugu w’Urwanda "AMAVUBI". Michel ntashaka gukina muri Kiyovu Sport agume yitwa umurundi, yivugirako yiyumvamwo cane Urwanda kuruta Uburundi narirya yivugira ko se wiwe ari Umunyarwanda.

Tubamenyeshe kandi ko Kiyovu Sport yaguze Michel na mwene nyina Girukwishaka Jean-Marie (murumunawe) nawe nyene yahora akina mu murwi wa Vital’o. Mukurindira Michel akina mu murwi wa Inter Star.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • nagend ntakundi gusa inzara irahera ariko igihemu kibi ntigihera kdi amaronko menshi aziba amatwi.Azame yibukako ivyo ajany murwanda aho yabikuy!!gutera imber ntivyari bibi mé guca ahindura nationalité ngo namaronko!mbe asumba Messi cank Christiano?gashiga izomuzana.

  • Ngonubundi sewiwe yarumunyarwanda? nkanabaza nti’ noneyabamuburundi nkumurundi? yariyarasavye ubwenegihugu? ndibazako umwe mubavyeyi biwekoyoba yarumudundikazi bicabituma avukarumurundi nkukobimeze mubihugu bitaribike. Arikontivyaribikeneweko arindakuvuga ngo nubundi Data yarumunyarwanda, Arikonubwobirukwo ivyontitwobipfa kuko muburundi turafise abandi bashoboye nokubarusha Muragirurugendo rwiza. Hanyuma nibabafatanabi mwi team ya Kiyovu canke igihugu mwatsemwo ubwenegihugu ntimuzokwemere muzokwigarukire iwabowa mama wawe kukobazokumababakunda.

  • ’Nta wanka nyina ngo agwaye amahere’kuja kurondera akarusho ni vyiza ariko wihakanye uwakwonkeje umuhora ubukene nta mahirwe bitanga,uburundi burakenye amahera ariko talents ziriho,ntabwo uduteye ubwoba ngo uraducitse ariko ntabwo ico cemezo cukwigira umunyaru kirimwo imihezagiro,uburundi burakenye ubu ariko ejo niheza,aha turi nabandi barahaciye,kandi nuwutunze uno musi ejo birashika agakena,vyobaye vyiza ugiye guhaha hama ugaterera mwiterambere ry’uburundi,umuvyeyi wawe,none uramwigaramye,ha!

  • amacoyinda ntashira igorora kwihakana igihugu cakwirarutse bigira ingaruka mubuzima

  • Birababaje!Ariko Ntakundi Igihugu Ntigipfakara.

  • ntazoteba kubona ko yihenze igihemu ntigihera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.