Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agnes Uwimana Nkusi ntakiri mw’ibohero rya Kigali - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Agnes Uwimana Nkusi ntakiri mw’ibohero rya Kigali

Agnes Uwimana Nkusi ntakiri mw’ibohero rya Kigali

jeudi 19 Ruheshi 2014

Inyuma yaho afatiwe agatabwa mu mvuto yagirijwe guhungabanya umutekano w’igihugu co kimwe no kugumura, Agnes Uwimana Nkusi yaraye arekuwe, aho yari apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Kigali.

Uwo mumenyeshamakuru wo mu gihugu c’Urwanda akaba yari amaze imyaka ine mw’ibohero yagirizwa icaha co guhungabanya umutekano w’igihugu, ndetse n’ukugumuka, igihe yari umuyobozi w’uruganda rwo kumenyesha amakuru mu kinyamakuru UMURABO.

Mwomenyako uwo mumenyeshamakuru yari yatanguye gucirwa imyaka 17 yo gupfungwa yagirijwe guhamagarira ukugarariza, amacakubiri ndetse no gukora mu nkovu abahuye n’ivyago vy’ihonyabwoko ryahitanye abatutsi muri ico gihugu c’Urwanda, mu mwaka w’1994. Sentare ntahinyuzwa y’igihugu c’Urwanda, ikaba yaciye isubiramwo urwo rubanza mu mwaka w’2012, Agnes Uwimana Nkusi, aca acibwa gupfungwa imyaka ine.

Asohotse ibohero rikuru rya Kigali, uwo mumenyeshamakuru akavuga ko agiye kubandanya akora akazi kiwe ko kumenyesha amakuru, ndetse akiyemeza kuzobandanya yandika amakuru, uko yahora.


Aristide Nizigire

Messages

  • Agnes Uwimana komera urintwari usumba nabagabo benshi kubera gukorera mugihugu c’agacinyizo nkico ata democratie irangwamwo ariko ukubahuka ukavuga ukuri kubihabera kandi wava muburoko ukanamenyeshako uzobandanya umwuga wawe nkuko wabitanguye iyo haba abandi banyarwanda nkawe nkaba 30 mwohinduye Urwanda Kagame nabayoboke biwe bohavuye bagahindura bagahinduka kuko Kagame amenye neza ko atamyaka40 asigaje abana b’Urwanda yangaje fin de fin bazogaruka murwabavyaye kuko ntamvura idahita kandi mubo bizogirira ingaruka abana biwe,canke abuzukuru bazobamwo

  • @Nkeshimana: Iyo nyandiko yawe yuzuye urwango n’inzigo kuri Kagame, ariko ikintu nakubwira, ni uko frustration na haine bikwuzuyemo, ari wewe bizakomeza binyonga!!! Pour le reste, izo ndoto zawe ntizizigera zibuza kagame gusinzira, kandi ntibazabuza abazi icyo yamariye igihugu, n’icyo akomeje kukimarira, kurushaho kumukunda, nk’umuyobozi ukunda igihugu cye... Komeza wirotera, kuko ari uburenganzira bwawe!!!

  • Mukeshimana wowe uvugisha ukuri . Agnes yavuye mumunyururu turamushyigikiye akomeze ahangane n’ubutegetsibwa Boko Haramu buyobowe na Shitani yigize umuntu Kagame Paul Rwisasiramirambo!!!

  • Abo batutsi bo kwa kagame na kagame ubwiwe barimukumwicisha inzara basha! uwigishije igifaransa uwo yiyise "juju igipina" yaba vyokunze yokimwatse kuko ntacoyomarira...!

  • Ahubwo wowe wiyita igipina!! Ubanza uri iigipinga koko . Kubona ubangamira abarwanya leta ya ba Gashakabuhake yirwa ikona abahutu ikica n’abatutsi badasangiyeibitekerezo!!
    Wagira ngo Rusufero umwicanyi wabigize umwuga Kagame uramwungirije!!! Ibipinga ntimugira isoni!!

  • Igipina ni igipinga koko wasanga nacyo kivuga Français nka babaswa kabuhariwe ngi ni ba Miss Rwanda!!!

  • aramenye ntazonger kuvuga ibitandukanya aanyarwnda tuz aho byatugejeje kandi naramuka yongeye bazamukanire urumukwiye.

  • @Mutabazi, Nshimiyimana: bitewe n ibitekerezo byanyu by ubugome n’urwango n’ubugambanyi mufite mu mitima yanyu, nabakanguriraga kwihana mukemera icyaha mukababarirwa si non kwanga KAGAME ntacyo bizabagezaho ahubwo birabangiza muri cerveaux zanyu gusa!!! A ho Kagame yakuye u Rwanda abanyarwanda b ’ukuri nibo b ahazi . Aho rugeze niheza kubra we!!!! komeza mupfire mu mitima yanyu ntacyo muzamutwara. jewe sindi umuhutu sindi umututsi yewe sindi n umutwa! ndi umunyarwanda

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.