Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Aime Magera ahamagarira abarundi bose kwitaba imyiyerekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Aime Magera ahamagarira abarundi bose kwitaba imyiyerekano

Aime Magera ahamagarira abarundi bose kwitaba imyiyerekano

lundi 4 Rusama 2015

Aime Magera,umuvugizi wa FNL yigenga irongowe na Agathon Rwasa , ahamagarira abarundi bose kwitaba imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringoca Gatatu c’umukuru w’igihugu.

Mw’itangazo yacishije kuri Radiyo Bonesha FM.Aime Magera yavuze ko ikibazo co kwubahiriza ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha ari ikibazo kiraba umurundi wese,kandi ari mu bwoko bwose.

Aime Magera asaba abanyagihugu bose kuja mw’ibarabara biyamirize ico kiringo kuko hamwe amasezera ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro bihonyanzwe ,bishobora gutuma igihugu gisubira mu magume.

Aime Magera asaba abaza mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu kuza bongereje inguvu,kuko ari urugamba rusubiza iteka igihugu n’abakibamwo.

Mwomenya ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 4 rusama ubaye umunsi w’indwi w’imyiyerekano inyuma y’iminsi ibiri y’akaruhuko.


Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.