Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akamaro n’iciza co kumenya umugwi w’amaraso urimwo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Akamaro n’iciza co kumenya umugwi w’amaraso urimwo

Akamaro n’iciza co kumenya umugwi w’amaraso urimwo

mercredi 20 Ruhuhuma 2013

Mubushakashatsi bwakozwe,havugwa yuko hari imigwi ine y’amaraso.Nayo n’iyi :A,B,AB na O.

Muri iyo migwi yose uko ari ine,umwe wose ufise uko ukora
Aho umuntu yoca yibaza ni ryari bikenewe kumenya umugwi w’amaraso umuntu afise? Ngo ni vyiza kumenya umugwi w’amaraso hakiri kare kuburyo hagize nkikiba kibi cerekeranye n’amagara na cane cane n’ivyerekeranye no kubura amaraso,bashobore gutabara.

Aho twovuga nko mu gihe umuntu yakomerekeye mumubiri ivyo bita hemoragie interne,mu gihe umuntu yagize isanganya,mu gihe umuntu yakomeretse cane bigasabwa ko bamushona bakanamubaga canke mu gihe umukennyezi yibarutse akava cane.Kubwivyo, n’ivyankenerwa ko umuntu amenya umugwi wiwe w’amaraso.
Kugira umuntu yirinde ivyogorana kuvyerekeranye n’iyo migwi y’amaraso,ngo n’ivyankenerwa kwubahiriza ibijanye no gutanga amaraso kuwugiye gutanga ayo maroso no kuwugiye kuyaronka.

Kubw’abahinga babinonosoye,ngo kumenya umugwi w’amaraso birashobora gufasha nko kumenya no gutora nk’izina rya se w’umwana.

Akandi kamaro ko kumenya umugwi w’amaraso, ngo n’uko iyo umuntu yipimishije akamenya umugwi arimwo,araronka agakarata k’umugwi wiwe arimwo kakaba nk’ikarata imuranga.

Ngo iyo umuntu atazi umugwi wiwe w’amaraso, n’uko ataba yiyizi vyukuri.
Uwukunda ubuzima n’amagara yiwe arabikingira amazi atararenga inkombe.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.