IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Akanovera k’inyigisho kongerejwe abayoberwa bogabanuka

Akanovera k’inyigisho kongerejwe abayoberwa bogabanuka

mardi 27 Myandagaro 2013

Kwongereza akanovera k’inyigisho muma kaminuza, kwunga ubucuti kaminuza zigakorera hamwe, kwongereza igitigiri c’abana binjira muri za kaminuza, kurwiza ibisata, gukwirikiza amategeko mu gushinga ama kaminuza, kurondera abigisha babinonosoye, ivyo nivyo bikuru bikuru vyasabwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri mu nama yagiranye n’abarongoye ama kaminuza, yaba ayigenga canke aya Leta.

Mu ntumbero yo kwitegurira umwaka w’ishure wa kaminuza 2013 -2014 , icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri yatunganije inama kugira barabire hamwe icotuma inyigisho zitangwa ziba ngirakamaro, haba mu mashure y’intango n’ayisumbuye, hamwe na kaminuza. Gervais Rufyikiri iyo nama yayigiranye n’abarongoye ama kaminuza yose yo mu Burundi yaba ayigenga canke aya Leta. Akaba yari kumwe n’umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, Joseph Butore, hamwe n’umushikiranganji w’amashure mato n’ayisumbuye, umupfasoni Rose Gahiru. Iyo nama ikaba yabereye mu nyubakwa Celab kuri uno musi wa kabiri igenekerezo rya 27 myandagaro.

Inyuma y’umwanya utari muto bari mu mwiherero, Melchior Simbaruhije, umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, akongera akaba umuhanuzi muvyerekeye guhanahana amakuru yashikirije ko ahanini bariko barabira hamwe ko igitigiri kw’ijana c’abanyeshure baja muri za kaminuza ko coba gikwiye. Mu vyagiye birashikirizwa babonye kandi ko akanovera k’inyigisho mu mashure ya kaminuza kagiye karagabanuka. Yamenyesheje kw’iyo inyigisho zitabaye nziza mu mashure y’intango nay’isumbuye no muri kaminuza zidaheza ngo zibe nziza.

Muri iyo nama kandi barabiye hamwe ingorane ayo ma kaminuza yoba afise murizo hariho ubukene bw’abigisha babinonosoye hamwe n’uburyo buke butuma bataja gukarisha ubwenge. Iyindi ngorane niy’ibikoresho. Ikindi kandi babonye n’uko amanota afatirwako ( ibice 50 kw’ijana)

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yasavye kandi ko ama kaminuza yogwiza ibisata bakarwanya kwiganana.
Iyo nama ikaba yarangiye bemeranije ko bagiye kuzoza barakora inama rukokoma kugira ibibazo vyose biri mu gisata c’ama kaminuza barabe ingene vyotorerwa inyishu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.