Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Alfred na Bernard mw’ihiganwa ry’imicokama mu gihugu ca Benin - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Alfred na Bernard mw’ihiganwa ry’imicokama mu gihugu ca Benin

Alfred na Bernard mw’ihiganwa ry’imicokama mu gihugu ca Benin

mercredi 2 Gitugutu 2013

Umurwi “Nkundabantu” ugizwe n’abaririmvyi babiri Bernald na Alfred bari mu myiteguro yo kuja mu gihugu ca Bénin, kuko aribo batowe kuzoserukira Uburundi mw’iyo sabukuru y’ihiganwa ry’imicokama, bakamenyeshako bavuyeyo bazoshika bashira urukurikirane rwa kabiri rw’indirimbo rwitwa « Ncurarangira ».

Nk’uko abo basore babibariye ikinyamakuru IGIHE, bavuzeko batowe n’ishirahamwe ry’abaririmvyi b’abarundi (Amicale des musiciens au Burundi) kuzoserukira Uburundi muri iyo sabukuru riba buri mwaka, bakaba biteguriye guhaguruka mu gihugu c’Uburundi kw’igenekerezo rya 15 Gitugutu 2013, bakagaruka kuya 24. Alfred na Bernard rero muri iyo sabukuru bazakora ibishoboka vyose, bakerekana aho imico kama y’i Burundi ihagaze neza, mbere bakaba biteguriye kuzotsinda ayo mahiganwa, kuva mu mwaka w’2009, hamaze kuza udushimwe tubiri.

Iryo sabukuru rero, abarundi bakaba batanguye kuryitabira mu mwaka w’2009. Abagiye baragenda, bakurikiranye uku : Stiven Sogo yayigiyeyo mu mwaka wa 2009, aca azana n’igikombe, 2010 hagiye chazi Cool Harera , mu mwaka w’2011 hagiye Abel Kulu, 2012 hagiye Emelence Emmy, akaba yazanye igikombe, 2013 haba kazogenda Bernard na Alfred.

Mu guheraheza, bakaba batubariye ko iyo sabukuru ije ibasanga mu gikorwa co kwitegurira gushira ku mugaragaro urukurikirane rwa kabiri rw’indirimbo zabo, rwitwa “Ncurarangira” rukazoba rugizwe n’indirimbo 11, bakaba bamenyeshejeko nibava muri iyo sabukuru bazoca bazishira ku mugaragaro, kandi bakizera ko zizonezera abakunzi babo, kuko zifise vyinshi birimwo kuruta urukurikirane rwa mbere rwabo rwitwa “Nkundabantu”.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.