IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Amahiganwa ahuza abanonotsi ku rwego rw’igihugu yasozerewe batanze (...)

Amahiganwa ahuza abanonotsi ku rwego rw’igihugu yasozerewe batanze udushimwe

dimanche 24 Ntwarante 2013

Ku kibuga c’umupira w’amaguru citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore hariko harabera amahiganwa y’abanonotsi.

Iryo higanwa rikaba ryariko rihuza abanonotsi ba hano mu gisagara ca Bujumbura n’abo hagati mu gihugu. Abarongozi b’iryo shirahamwe baganiriye n’ikinyamakuru canyu IGIHE barashima ubukerebutsi n’ubuhinga vyerekanwa n’abanonotsi b’abarundi ariko baranavuga ubukene buri muri ico gisata, aho bavuga nk’abanonotsi bari kuba bagiye guserukira igihugu muri Pologne ariko bikaba bitakunze kumvo z’ukubura uburyo.

JPEG - 45.9 ko

Ayo mahiganwa yateguwe n‘ishirahamwe AMABU (Association Municipale d’Athletisme de Bujumbura), bafashwe mu mugongo na Global Contec Burundi aho akaba ari mu ntumbero yo kumenyesha ibikorwa vy’iryo shirahamwe bisunze icivugo kivuga giti: “Twese hamwe duteze imbere ukwinonora imitsi” Nk’uko twabishikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe, ni n’akaryo ko gutegura imikangara y’Uburundi, ngo ibe irimenyereza yongere yitegurire amahiganwa mpuzamakungu twimirije.

Aho twobabwira irizobera i Moscou mu kwezi kw’indwi kw’uno mwaka, irizobera muri Leta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’irizobera mu Bufaransa, rizohuza abahurikiye mu bihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa. Abarongoye AMABU bashikirije ubukene bw’ikibuga, aho ico bakoresha bagisangiye n’abakina umupira w’amaguru, ivyo navyo bikaba bitaborehereza mu myimenyerezo.

JPEG - 42 ko

Mw’ijambo ryiwe, umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama umushingantahe Adolphe Rukenkanya arashima imyanya myiza yerekanywe n’abo banonotsi, ivyo bigatanga icizere ko bazodutera nibaserukira igihugu mu makungu.

Yashimiye umwigeme Francine Niyonkuru ku buhinga yerekanye, asaba na bagenzi we ko bomurabirako akarorero. Yaciye asaba abamenyereza uwo mwigeme kumukurikiranira hafi. Kw’izina ry’ubushikiranganji atwara, yiyemeje gukora ibishoboka vyose kugira uwo mwigeme azoje mw’ihiganwa yateguwe bikwiye.

JPEG - 42.7 ko

Tubibutse ko uwo mwigeme Francine Niyonkuru ariwe afise ikibanza ca kabiri kw’isi yose mu biruka imetero amajana umunani. Yarangije asaba abarongoye AMABU kuzoja gutunganiriza amahiganwa nk’ayo no mu ntara za ruguru, nabo bahimbarirwe ivyiza nk’ivyo, yongera ashimira Global Contec idahengeshanya gufata mu mugongo ayo mahiganwa.

JPEG - 44.3 ko

Tubamenyeshe ko ayo mahiganwa yatanguye ejo igenekerezo rya 23 Ntwarante akaba yasozerewe uno musi bahejeje gutanga udushimwe tugizwe n’amabahasha ku banonotsi barushije abandi

JPEG - 45.6 ko
JPEG - 39.4 ko

Egide Nduwimana

Portfolio

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.