Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amakara yasubiye kubura mu gisagara ca Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Amakara yasubiye kubura mu gisagara ca Bujumbura

Amakara yasubiye kubura mu gisagara ca Bujumbura

mercredi 3 Nyakanga 2014

Amakara mu gisagara ca Bujumbura yasubiye kubura, abasanzwe bayakoresha bakavuga ko niyo bayaronse bayakura kure kandi ku giciro kinini.

Hasubiye kwibonekeza ibura ry’amakara mu gisagara ca Bujumbura, abasanzwe bakoresha ayo makara bakaba bidoga ko ibiciro vyadugijwe , eka n’abakozi bakaba bidoga ko bayakura kure cane mu gihe igiciro coco cagwijijwe na gatatu yayo bahora baronka. Akarorero n’abakozi bo muri komine ya Rohero bayakura muri komine ya Musaga canke kuri stade Prince Louis Rwagasore. Abo bakozi bidoga ko bibavuna kuko barinda kuyerera barondera iyo bayakura, umwe akavuga ko nkayo bahora bagura ibihumbi bibiri agakora umunsi wose akanarara ,usanga bayagura ibihumbi nka bitatu ntanakwire ku munsi. Ivyo rero bituma bibateranya n’abakoresha babo nk’uko umwe muribo abimenyesha.

Mw’ishirahamwe Igiti n’Ubuzima bavuga ko n’ubu ubuyobozi bw’amashamba buguma bubasaba impapuro kugira bakore umwuga wabo ,hari ibisinywa na musitanteri yemeza ko ivyo biti biri mu karere atwara , ikindi giterwa igikumu mu buyobozi bujejwe amashamba mu ntara canke muro komine, ico naco nicerekana ko ivyo biti baciye vyari bigeze gucibwa hamwe n’ikindi baca biyemeza gutera ibindi bitibisubirira ivyo baciye hamwe n’ikindi bita mu rurimi rw’igifaransa’’ Fin d’exploitaion’’ ico naco n’ikibasaba gutegerezwa kwerekana komine bakuyemwo ayo makara canke ibiti. Mw’ishirahamwe Igiti n’ubuzima bakabona ko bigiye kubagora kuko ata n’umwe azi insiguro z’ivyo bintu.

Tukabamenyesha ko iyo ngingo y ‘ubuyobozi bukuru bw’amashamba yo gusaba impapuro abo bose, bavuga ko ari nziza kugira bashobore gukingira amashamba mu ntumbero yo kurwanya ihindagurika ry’ibihe ariko abasanzwe bakoresha ayo makara nabo baca bahura n’ingorane zo kuronka ico batekesha , mu gihe amatara hamwe na gaz usanga bizimvye kandi ntibishobora kuronka uwari we wese.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.