Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amashami abiri y’umugabwe UPD Zigamibanga yoba agiye kwiyunga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Amashami abiri y’umugabwe UPD Zigamibanga yoba agiye kwiyunga

Amashami abiri y’umugabwe UPD Zigamibanga yoba agiye kwiyunga

jeudi 28 Ntwarante 2013

Umugabwe UPD Zigamibanga woba ugiye kwiyunga inyuma y’imyaka ibiri havugwa indyane muri uwo mugambwe. Ivyo ni ivyashikirijwe na Pascaline Kampayano mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane. Uwo yitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ku giti c’umugabwe UPD ngo niwe yatowe abe umuhuza hagati ya mashami abiri y’uwo mugabwe.

Mu kiganiro n ‘abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane mu gatondo, uwo yitoje mu kibanza c’umukuru w’igihugu atanzwe n’umugabwe UPD Zigamibanga yasa nk’uwukariye indongozi z’amashami abiri avuga ko ariyo arongoye uwo mugambwe utavuga rumwe na Leta Petero Nkurunziza.

Pascaline Kampayano yamenyesheje abamenyeshamakuru ko bibabaza kubona umugambwe wabo ucika ibice aho ngo n’ inguvu z’uwo mugambwe ngo zaragabanutse. Kuri izo mvo nkuko abandanya avyivugira ngo ishami rya Zedi FERUZI ryemerewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati ni rindi shami riyoboka Chauvineau Mugwengezo uvugira urunani rw’imigabwe ADC Ikibiri itavuga rumwe na Leta, bose baramusavye ko yoba umuhuza wayo mashami akiyunga umugambwe UPD Zigamibanga ugakomera kandi.

Kubwa Pascaline Kampayano yaje ahungutse, inyuma y’amatora y’umwaka w’ibihumbi bibiri na cumi avuga ko abatwara uwo mugambwe ngo bawutwarira mu mifuko yabo, bakibaza ko uwo mugabwe ari icibare cabo. Niho Pascaline Kampayano yaciye amenyesha ko hagiye kuba ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambwe kugira ngo indongozi ziyitirira uwo mugabwe zivugire ahabona ingorane zifise ,zizitorere inyishu bose bakoranye.

Iryo koraniro kaminuza ry’umugabwe UPD Zigamibanga rikaba ritegekanijwe kuri uyu wa 14 ndamukiza 2013 aho hazotorwa indongozi nshasha z’uwo mugabwe iri muyitavuga rumwe na Leta ya Petero Nkurunziza.


Patrick Wasso

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.