IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe 519 asaba umukuru w’igihugu kuva mu gacerere

Amashirahamwe 519 asaba umukuru w’igihugu kuva mu gacerere

mardi 24 Kigarama 2013

Mu runani FORSC rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, ari nabo batanguje uruganda rw’amashirahamwe 519 yiyemeje gushigikira ko ivyavuye i Arusha bitohinyuzwa, bamenyesha ko mu biganiro abanyeporitike baherukamwo bari bakwiye kuganira ku kibazo c’ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu mu kiringo ca gatatu. Muri FORSC basaba abashingamateka kuzoshira mu ngiro ivyo abanyeporitike n’abandi bose bumvikanye mu biganiro vyabereye mu nama nshingamateka, umukuru w’igihugu agasabwa nawekuva mu gacerere, yerekane aho ahagaze ku kibazo c’ibiringo arekurirwa n’amategeko.

Amashirahamwe 519 adaharanira ivyicaro vya poritike, ari nayo yatanguje uruganda bise : "Ntimugahinyuze ivyumvikanyweko i Arusha", arakeza inama nshingamateka yashoboye gutegura ibiganiro vyo guhanahana ivyiyumviro ku mpinyanyuro zokorwa kw’ibwirizwa shingiro. Ayo mashirahamwe arashigiye ivyavuyemwo, aho bumvikanye ko ivyoba birashirwa muri iryo bwirizwa shingiro ari ibijanye n’imyiteguro y’amatora, amategeko agenga iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, hamwe n’ukuduza uguserukirwa kw’abakenyezi mu nzego z’igihugu. Nk’uko bavyumvikanye, ibindi bibazo bisanzwe biri mu masezerano y’i Arusha bikazokwirwa inyuma y’amatora.

Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile), mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, yagabishije inama nshingamateka, canke abandi abaribo bose bazoshaka kuvuguruza ivyo abo vyega bose bumvikanye, abamenyesha ko ingaruka zizokurikira ukwo guhakana ivyapfunditswe na bose zizobazwa uwuzoba yashize aha wenyene, akirengagiza ivyiyumviro abandi batanze mu ntwaro rusangi.

JPEG - 39.1 ko
Vital Nshimirimana, arongoye FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile)

Ayo mashirahamwe 519 aributsa umukuru w’igihugu ko ingingo y’8, iya 96 n’iy’302 zo mw’ibwirizwa shingiro, hamwe n’amasezerano ya Arusha arekura ibiringo bibiri gusa vy’uburongozi bw’umukuru w’igihugu, ari naco gituma Petero nkurunziza yova mu gacerere, agatomorera abarundi n’amakungu aho ahagaze ku mpari zihari ku kiringo ca gatatu.

Muri ico kiganiro caremeshejwe na Vital Nshimirimana arongoye FORSC, ayo mashirahamwe yamenyesheje ko adashigikiye ko uwoshaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu yosabwa kuba afise urupapuro rw’umutsindo rw’amashure ya kaminuza, kuko bidahuye n’amasezerano mpuzamakungu Uburundi bwateyeko umukono, yo kurwanya ikumirwa. Vital Nshimirimana aratanga uturorero tw’ibihugu nka Brésil na Afrika y’epfo biteye imbere, kandi birongowe n’abadafise impamyabushobozi z’amashure ya kaminuza. Kubwa Vital Nshimirimana, n’aho vyoba nkenerwa ko urupapuro rw’umutsindo rusabwa, aboronka ubwo burenganzira bwo kwitoza boba abafise impapuro z’umutsindo zijanye n’ivyigwa vy’uburongozi gusa.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.