IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike aragabisha CENI

Amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike aragabisha CENI

vendredi 19 Kigarama 2014

Amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike ishavu riraniga mu bijanye n’ubusuma bwibonekeje mw’itangwa rya karangamuntu, hamwe n’igikorwa co kwandika abazotora caranguwe muri rusangi mu kwitegurira amatora.

Inyuma y’aho imigambwe itavuga rumwe na Reta ishikirije ko ico gikorwa co kwandika abazotora caranzwe n’ubusuma bwinshi, igasaba ko umurwi CENI wotanga imihoho, n’igikorwa waranguye co kwandika abazotora kigasubirwamwo, amashirahamwe nayo adaharanira ivyicaro vya poritike yafashe ingingo yo gusaba ko ico gikorwa caranguwe cofutwa kigasubirwanwo ar’uko abarundi bose bakwije imyaka yo gutora baronkejwe indangamuntu zo mu buhinga bwa none (Carte d’identité Biométrique). Ayo mashirahamwe akamenyesha ko igihe ako kamo bateye katokwumvizwa, bategekanya kugira imyiyerekano kugira bagaragaze akababaro bafise.

JPEG - 15.9 ko
Vital Nshimirimana, arongoye urunani FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile)

Urunani FORSC hamwe n’amashirahamwe APRODH, COSOME, LIGUE ITEKA, OLUCOME, ACAT Burundi, RCP, na DUSHIRE HAMWE, bamenyesheje ko mu gihe bokwanka kubumviriza, ko batazokwihangana. Vital Nshimirimana aserukira urunani FORSC ashikiriza ko badashobora kwemera ko uwuzoramutswa igihugu mu 2015 yova mu matora yabaye mu busuma.


Audace Nizigiyimana

Messages

  • Komera komera forsc uwukwanka unkwandureko ahambe ifura mwifuraka. Ewe vital uravuga ijambo rizima kabisa ryabashingantahe .muruvuga ukamengo ningwabigabo kwitaba atashe vumera ncutizanje 1000%.uwutwanka arakamena ibanga izuba rimenye ijuru

  • Ahubwo gireningoga mutabare uburundi kuko aba DD bagombakubugira icibare cabo nukuri ukuntu iyandikwa ryagenze nakamaramaza nakamaramaza ivyo CENI naba DD bahaye bagirira uburundi iyoceni nitange imihoho ntayodukeneye nibashireho PAUL NGARAMBE niwe abishboye nukuri abarundi twarushe nivyo bi DD nibituve kumutwe bagendekurya ivyo basahuye biramaze.

  • Ahubwo gireningoga mutabare uburundi kuko aba DD bagombakubugira icibare cabo nukuri ukuntu iyandikwa ryagenze nakamaramaza nakamaramaza ivyo CENI naba DD bahaye bagirira uburundi iyoceni nitange imihoho ntayodukeneye nibashireho PAUL NGARAMBE niwe abishboye nukuri abarundi twarushe nivyo bi DD nibituve kumutwe bagendekurya ivyo basahuye biramaze.

  • Ivyoningombwako mubivuga nkuko yamigambwe itavugarumwena leta iherutse kubivuga atarudome narumwe mukuyemwo kuko inama zivyomubamupanga gukora muzipangirahamwe, murihereza ayomabarabara muribibiri ndabifurije kuzoronkamwo kimwe ariko ntimuzohave muvugango nimugende turabarebera! Ahorero wosanga imbereyokuzoja mwayomabarabara mwaramaze nogukubona utunyuro muzocamwo kandimwaramaze nokubona igihugu muzocamwigiramwo ibintu bimaze kubatombokana, bwabunyagihugu mwakwegeye mwayomabarabara buzosigare burahumaguza muvyotsigusa bumwe bwisange mumpimba ubundi mubitaro!

  • Birababaje abanyamashirahamwe bamabacuritse hamwe nabanyamigamwe mutigute, burya hariho itandukaniro hagati yabanyabigambwe naba nyamashirahamwe adaharanira ivyicaro mutigute? Buryarero nivyonta munyamigambwe keshi akunze kuvuga ivyo leta ibayakoze vyoza kuko wewe ntabashaka konabanyagihugu babimenya iyabavyashoboka kukowewe abashaka Ko azokwiyamamaza abwira amenegihuguko leta ihari ntanakimwe iriko irakora atariko jewe ndashaka kuzokora. Abanyamashirahamyerero harabaho ivyobashoboraguhurirako nabanyabigambwe arikobobo ivyiza barabivuga kugiranabanyagihugu bavyumve canke babimenye ngahorero ahusanga amanyamashirahamye adaharanira ivyicaro bashobora kuba badaharanira ivyicarokoko, kuko ugiraguti ukumva avuzeko leta ahanaha itariko irahifatamwoneza ahobagahuza nabanyamigambwe, ahandinaho abobadaharanira ivyicaro bakavugango: Kubijanye nabiriyabikorwa ati leta ivyifashemwoneza atibiranezereje, ahorero bakaba barababane babanyamigambwe bakababanezereje leta. Murimake nimwagerigihe cokuronka umunyeshirahamwe andaharanira ivyicaro muri leta nahandi ngahamu Burundi, muzosanga mumvugoyiwe asemerera avuga ibinabiriya kandumwuvirije uzozanga harivyahuza nabandibose kandumwumvise uzokwumva mengo abangamiye bose canke ashigikiye bose gusamvuzukuri uzosanga nomumvugoyiwe yigengakoko, nayababunomusi wumva umunyamigambwe avuzengo ntananakimye iyi leta ikoraciza, ukumvanawamunyeshirahamwe nivyo avuze! Uwontitwomwita kwadabaranira ivyicaro ahubwo abaharanira ikinturunaka kwabariya tutabadushoboye kumenya ariko abaramvye barateba bakakibona.

  • Ariko mwebwe mubona abo ba DDD bovakubutegetse tuta bakujeyo ubuhiri batinya kuja kubamu gasho kk ntanumwe yakozeneza ahobava bakagera. Nuguhaguruka hakagira abapfa nabasigara ariko uburundi buronke amahoro.

  • tabara mugire umutima rugabo murinde ntaco abo ba DD bazobagira, n’aba polisi babo bifuza ko DD itemba uburundi bukaruhuka ubwicanyi , inzara n’ubusuma bw’igihugu butagira izina.
    Ivyo Nkurunziza yavugiye vyerekana neza ko afise ubwoba budasanzwe ko abarundi bashobora kwihereza amabarabara ngo bamwirukane, twihute ibintu bigishushe, tukure Uburundi mumenyo ya DD

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.