IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe yigenga ariyamiriza igenzurwa rizokorwa n’ubushikiranganji (...)

Amashirahamwe yigenga ariyamiriza igenzurwa rizokorwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati

dimanche 10 Ruhuhuma 2013

Urunani rw’amashirahamwe yigenga adaharanira ivyicaro vya politike FORSC rubona ko hamwe ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bwotangura kugenzura ingene ayo mashirahamwe akora, bigamije gutera ubwoba no guhoza amashirahamwe atarabwa ryiza na Reta.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Eduard Nduwimana aherutse kubwira amashirahamwe yigenga adaharanira ivyicaro vya politike ko guhera mukwezi kwa Ntwarante uyu mwaka, hazotagura igenzurwa r’ingene ayo mashirahamwe atwarwa hamwe n’ingene atunganijwe. N’ingene auburyobw’amafaranga bukoreshwa ngo bizosuzumwa n’intuma z’ubwo ubushikiranganji.

Eduard Nduwimana amenyesha ko ari mu ntumbero yo gutsimbataza intwaro ibereye mu mashirahamwe yigenga kuko ngo nayo nyene yama asaba ko hoba intwaro ibereye muri Reta. Eka mbere ngo biri muvyo ubushikiranganji bujejwe amashirahamwe butegerezwa kugenzura.

Iyo ngingo ntiyakiriwe neza nabo yega. Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike amenyesha ko iryo genzurwa rifise ikindi rinyegeje. Celestin Hicuburundi ajejwe kumenyeshamakuru mu runani FORSC ruhuza amashirahamwe yigenga avuga ko atewe amakenga niryo genzurwa kuko ngo nakare uko umwaka utashe ayo mashirahamwe asanzwe atanga ivyegeranyo muri ubwo bushikiranganji bubijejwe. Ngo muri ivyo vyegeranyo haba harimwo vyose bikenewe, ingene uburyo bukoreshwa, ingene imigambi yaranguwe, ingene uburongozi bwifashe canke bwagiye burahinduka hamwe n’ibindi bikenewe. Iyo umushikiranganji atanyuzwe ngo ararekuriwe gusaba izindi nsiguro.

Celestin Hicuburundi avuga ko iryogendunzurwa rigamije gutera ubwoba no guhoza amashirahamwe akunda kunegura Reta mu bintu bitagenda neza. Amenyesha ko mu Burundi hari amashirahamwe arenga 6000, ngo nawenu ubushikiranganji ntibworonka abakozi bakwiragira muri ayo mashirahamwe kuyagenzura yose. Ati’’Ubushikiranganji buzoca bwihutira gufuta, gutera ubwoba, kuburabuza amashirahamwe ane canke atanu atabonwa neza n’ubutegetsi. Nukuri ntakindi umushikiranganji ashaka atari ukutuburabuza ariko ntavyo tuzomwerera kuko amategeko ntabimurekurira. Kanatsinda ingene dukoresha ubusho bw’amafaranga y’infashanyo idonido tuvyereka ibihugu bidufata mu mugongo mu bikorwa vyacu’’.

Urunani FORSC rumenyesha ko hariho amashirahamwe ajejwe gukebura Reta canke kuyinegura ariko ngo aca atanga n’intumbero yingene ibintu vyogenda. Ngo nico gituma ayo mashirahamwe adashobora kubizira.

Rumenyesha ko iryo genzurwa ayo mashirahamwe adashobora kuryisunga na gato.

kw’ifoto: Celestin Hicuburundi ajejwe kumenyeshamakuru muri FORSC


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.