Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Sentare ntahinyuzwa yatanze uburenganzira ku bugeni bw’abasangiye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Sentare ntahinyuzwa yatanze uburenganzira ku bugeni bw’abasangiye (...)

Amerika : Sentare ntahinyuzwa yatanze uburenganzira ku bugeni bw’abasangiye ibitsina

jeudi 27 Ruheshi 2013

Mu ngingo y’akataraboneka, sentare ntahinyuzwa muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yahakanye itegeko ritemera kwubakana hagati y’abasangiye igitsina.
Sentare yamenyesheje ko iryo tegeko ryabujjije abakora imibonano mpuzabitsina n’abo babisangiye ugukingirwa kungana n’ukw’abandi.

Iyo ngingo ya sentare ntahinyuzwa itumye ukwubakana hagati ya bene abo bantu kiba ikibazo c’uburenganzira bw’umuntu nk’umwenegihugu.
Iyo ngingo yemejwe n’abacamanza 5 kuri 4 bayanse isigura ko abasangiye ibitsina (abagabo canke abagore) bubakanye mu mategeko kuva ubu bafise uburenganzira bwo kuronka ivyo igihugu giha abubakanye badasangiye ibitsina vyose.
Sentare yafashe ingingo kandi yo kutagira ico ivuze kw’itegeko ribuza kwubakana musangiye igitsina mu ntara ya California.
Ibiharuro vyakozwe vyo kugereranya vyerekana ko abanyamerika benshi bashigikiye abubakana basangiye igitsina.

Ku musi w’ejo kuwa gatatu mu gitondo imbere y’uko ingingo isomwa, abantu isinzi bari bakoraniye kuri sentare ntahinyuzwa bipfuza kuronka ikibanza imbere muri sentare.

Umugore w’umusirikare n’umugore wiwe yasiguye ingene iryo tegeko ryatumye ubuzima bwabo bugorana.
Yamenyesheje yaciwe ikori ry’ama dolare 363000 igihe yashikiriza inzu yasiga uwo bari bubakanye Thea Speyer, agasigura ko ayo mafaranga atari kuyatanga iyo yari kuba yari yubakanye n’umugabo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.