Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika yiyemeje gukingira Korea yo mu bumanuko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika yiyemeje gukingira Korea yo mu bumanuko

Amerika yiyemeje gukingira Korea yo mu bumanuko

mardi 26 Ntwarante 2013

Abategetsi ba gisirikare, batangaje ko Leta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’igihugu ca Korea yo mu bumanuko, bateye igikumu ku masezerano.
Ayo masezerano aha abasirikare b’abanyamerika uruhara rukomeye rwo gukingira igihugu ca Korea yo mu bumanuko mu gihe igihugu ca Korea ya ruguru cogitera.

Ayo masezerano yateweko igikumu ku musi wa gatanu hagati y’umukuru w’intwaramiheto w’igihugu ca Korea yo mu bumanuko, General Jung Seun-jo hamwe n’umusirikare w’intwazangabo mu basirikare ba amerika bari mu gihugu ca Korea yo mu bumanuko, General James Thurman.

Muri ayo masezerano, abasirikare ba Leta zunze ubumwe za Amerika bazoshobora gufasha abasirikare b’igihugu ca Korea y’epfo, mu bitero vyo kwihora ku gasotoro akariko kose, gakozwe n’igihugu ca Korea ya ruguru.

Imbere y’ayo masezerano, abasirikare b’igihugu ca Korea yo mu bumanuko, nibo begwa n’ibikorwa vyose vya gisirikare mu gihugu ca Korea ya ruguru, mu gihe abasirikare ba Leta zunze ubumwe za Amerika bazofasha ingwano ikomeye yadutse.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.