Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
AMISOM iritanga cane mu gihugu ca Somaliya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > AMISOM iritanga cane mu gihugu ca Somaliya

AMISOM iritanga cane mu gihugu ca Somaliya

mardi 18 Ruheshi 2013

Imyaka 20 igihugu iraheze igihugu ca Somalia kiri mu ngorane nyishi. Namba ubu agahengwe kariko karaboneka, ni kubw’ahanini abasirikare b’abanyafrika bari muri AMISOM. Intango y‘intsinzi irazimvye cane.

Haraheze imyaka 20, igenekerezo rya 3 Gitugutu 1993, imirongo y’umwotsi niyo waduga hejuru, urangwa ku ma karitiye ya Hawlwadaag hagati i Mogadiscio. Kajugujugu zibiri z’abanyamerika nizo zagiye gutera umukuru w’abarwanyi Mohamed Farrah Aidid, zarakorowe.

Imisi ibiri, abasoda 18 b’abanyamerika barishwe ku murwa mukuru w’igihugu ca Somalia, ibiziga vyabo bikaba vyajanywe birakwegwa mu gisagara. Kera aho i Hawlwadaag yari agahombo ku gihugu ca Amerika ariko ubu akaba ari intsinzi kuri bo. Ubu ni umwizero w’uko i Mogadiscio hasubiriye kuba hazima.

Ubu ya matara rusangi yo ku mabarabara yarasubiriye gushirwaho. Muri ico gisagara bari bamenyereye kubaho mu mwijima na cane cane mu masaha yo ku mugoroba, ubu rero hakaba hasigaye harangwa umuco ku mabarabara amwe, amaduka usanga yuguruye, abana usanga bariko barakina umupira w’amaguru.

Mu myaka ibiri iheze, umutekano wariyongereye mu gisagara ca Mogadiscio. Naho ico gisagara kigiterwa n’abihevyi, abanye isilamu bo muri Somalia bakorana n’aba al quaida, ubu nta karitiye nimwe bigaruriye.

Igenekerezo rya 10 Nyakanga 2011, umukuru w ‘igihugu mushasha, Hassan cheikh Mohamoud yaratowe mu nama nshingamateka na nkenguzamateka vya Somalia . Ubu ivy’ubutunzi biriko biratera imbere, abafasha baratanguye kuza gufasha mu bushikiranganji butandukanye, n’indege zasubiye kuza zirakoroka ku kibuga c’indege ca Mogadiscio, ubu indege zihakorokera zavuye kuri 3 zija kuri 12 mu mwaka.

Igenekerezo rya 25 Ndamukiza, igihugu c’Ubwongereza nico cabaye ica mbere mu kwurwurura ubuserukizi bw’igihugu cabo muri Somalia, inyuma y’aho bwari bwugawe kuva mu mwaka w’1991, inyuma y’itembagazwa ku butegetsi ry’umukuru w’igihugu Siad Barre.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.