Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amwe mu mashirahamwe yizeye ko CENI yakosoye ibinenge yari yeretswe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Amwe mu mashirahamwe yizeye ko CENI yakosoye ibinenge yari yeretswe

Amwe mu mashirahamwe yizeye ko CENI yakosoye ibinenge yari yeretswe

dimanche 12 Gitugutu 2014

Amwe mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike yizeye ko umurwi CENI woba waratosoye ibinenge bari bagaragaje mu ntonde zari zasohotse ubwa mbere z’abari mu murwi utegura amatora mu ntara.

Umupfasoni Gertrude Kazoviyo umunyamabanga mukuru wa Ligue Iteka akavuga ko hamwe ibinenge vyari vyagiye birerekwa uyo murwi ujejwe gutegura amatora bitoba vyakosowe, hoba hatanguye intango mbi mu gutegura amatora. Muri iryo shirahamwe bakizera ko bamwe mu bantu bari bahawe kandi batava muri iryo shirahamwe Ligue Iteka ndetse atari nabo babatanze vyoba vyakosowe. Aha umupfasoni Kazoviyo agatanga akarorero k’intara ya Bubanza aho bahawe umuntu abaserukira kandi atari bo batanze iryo zina.

Kuri ivyo, Prosper Ntaghogwamiye mu kiganiro Ku nama ca radio Isanganiro, akavuga ko amazina bashize ku ntonde z’abo bazocungera amatora bazihawe n’abarongoye amashirahamwe, canke imigambwe. Mukamenya ko umurwi ujejwe gutegura amatora CENI wagirizwa n’imigambwe itandukanye hamwe n’amwe mu mashirahamwe ko ayamatora yo mu mwaka w’2015 bariko barategura ariho hibonekeza imyidogo myinshi mu ntango z’ayo gusumba ndetse n’iyari yibonekeje mu mwaka w’2010.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nukuri jewe numvise ingene umuvugizi wa CENI yishuye mu kiganiro kuri Radiyo Isanganiro nivyo bise ibinenge ndabonako uwo mugwi utigenga kandi muzoba mumbwira ibizovamwo.Imana irinde uburundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.