IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Musaga : Isuku rike rirangwa mu mazu y’ubudandaji rirabangamiye (...)

Musaga : Isuku rike rirangwa mu mazu y’ubudandaji rirabangamiye abanyagihugu

vendredi 19 Nyakanga 2014

Amwe mu mazu y’ubudandaji bw’imfungurwa zihiye yo muri komine ya Musaga yugarijwe n’umwanda utagira izina, aho usanga mu bwinjiriro bw’ayo mazu bimwe mu bikoresho kandi bitanogeje vyandagaye imbere y’inzu.

Bamwe mu banyagihugu bihereza imfungurwa muri ayo mazu bakavuga ko bitungiwe n’Imana nayo umwanda wo uhari ari mwinshi, ahubwo bagasaba ko abajejwe igisata c’amagara y’abantu na cane cane gukurikiza isuku mu gisagara bogendera iyo komine, kuko ibintu biriko birarenga inkombe. Bamenyesha ko kenshi hateye ibiza biva kw’isuku rike iyo komine iri muri zimwe muziri mu gisagara ca Bujumbura zama zifatwa n’ikiza ca cholera, eka n’indwara z’inzoka ku bana.

Mukamenya ko zimwe muri izo nzu z’ubudandaji badafundikira ivyombo birimwo imfungurwa, izindi nazo ugasanga imifundikizo isa nabi, urusazi arirwo ruduma hirya no hino. Izo sazi rero zikaba ziri mu dukoko dukwiragiza umwanda, aha na hariya.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.