IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > APDS : Abigisha bagiye bibagirwa cane mu vyerekeye uturusho

APDS : Abigisha bagiye bibagirwa cane mu vyerekeye uturusho

jeudi 30 Nzero 2014

Ishirahamwe APDS (Association pour la Promotion du Droit Social) rikebura abigisha ko n’aho bagiye bibagirwa n’intwaro zagiye zikurikirana kuvyerekeye uturusho, ko bobandanye basaba ariko bari ku mirimo.

Uwurongoye ishirahamwe rijejwe gukingira hamwe no guteza imbere amategeko y’akazi, APDS (Action pour la Promotion du Droit Social), Cassien Yamuremye yaratunganije ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru, kuvyerekeye amayegereyegere amaze iminsi aguma yibonekeza mu barimu. Muri ico kiganiro, umukuru w’ishirahamwe APDS, Cassien Yamuremye yasiguye ko intwaro zose zagiye zikuranwa ku butegetsi zama zitanga uburusho butandukanye ku bakozi bo mu bushikiranganji batwara, ariko bagiye bibagira ibisata bimwe bimwe, na cane cane ic’abigisha. Nk’uko bivugwa na Cassien Yamuremye, ni naco ahanini havuye ubusumbasumbane bw’imishahara hagati y’abakozi b’umukoresha umwe.

JPEG - 36.1 ko
Cassien Yamuremye, arongoye ishirahamwe APDS

Cassien Yamuremye yamenyesheje ko iyo haba ata busumbasumbane bw’imishahara buhari, ata bakozi bokwamye muma yegereyegere.
Mw’ishirahamwe APDS bashikiriza ko amayegereyegere afise ingaruka mbi cane ku gihugu, haba ku banyeshure, kuko abana n’abavyeyi aribo baca barwa mu mporera, ivyigwa bigaca biteba guhera, n’abigisha bagaca bagira umutima mubi. Hamwe uwo mugambi wo kunganisha imishahara woshirwa mu ngiro, nta kurenganywa kwosubira kuhaba, kandi na kazoza k’igihugu koba keza kuko n’umwigisha ntiyosubira gukorana agashavu ko kuba yaribagiwe, nk’uko bibandanya bivugwa n’umukuru wa APDS Cassien Yamuremye.

Ishirahamwe APDS rigasaba Reta y’Uburundi gukora ibishobka vyose kugira bashire mu ngiro ivyo bari bemeranije n’amasendika. Basaba abigisha nabo kubandanya basaba ivyo bipfuza bari ku mirimo, kugira babandanye gukurikirana abo bajejwe kurera.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.