Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Apfungiwe icaha co gushurashuza abana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Apfungiwe icaha co gushurashuza abana

Apfungiwe icaha co gushurashuza abana

jeudi 20 Ruhuhuma 2014

Umugabo apfungiwe icaha co gusambanya abana, yarandikiwe ikete n’umwana w’imyaka 15 aho yamubwira ko amukunda n’umutima wiwe wose. Bivugwa ko n’abandi bana b’abakobwa bagera kuri 12 bagerageje kubonana n’uwo mugabo, naho bitakunze.

Amakuru duhabwa n’ikinyamakuru Le Soir amenyesha ko umugabo yitwa Marc Dutroux wo mu gihugu c’Ububirigi apfungiwe mu munyororo w’i Marche yagirizwa ivyaha umuyoro wose : gushurashuza abana b’abakobwa, kwiba abana, kubasinzikariza ubuzima, ubusuma bw’imiduga hamwe n’ukudandaza ibiyayura mutwe. Ivyo rero vyatumwe aciribwa umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose.

Marc Dutroux iyo ari mu munyororo, yarandikiwe ikete n’umwana avuga ko afise imyaka 15. Yanditse amubwira ko amuryohera ukuntu ameze, ko yoba ari umuntu w’umunyakuri.

Agace k’iryo kete naka gakwirikira :"Bonjour, je suis une jeune fille de 15 ans. J’habite La Roche-en-Ardenne. Vous m’avez toujours fasciné. Vous êtes une personne connue. Quand je vois vos belles photos, je ne peux que croire que vous êtes honnête. Voulez-vous correspondre avec moi ? Si tu veux (sic) je peux envoyer ma photo".

Bisigwa mu kirundi uku gukwirikira : « Mwaramutse, ndi umwana w’umukobwa w’imyaka 15. Mba i Roche-en-Ardenne. Iminsi yose murandyohera, muri umuntu azwi cane. Iyo ndiko ndaba amasanamu yanyu meza nibaza ko uri umuntu w’umunyakuri. Turashobora kuba abagenzi ? Hamwe wobishaka nokurungikira amasanamu yanje ».

Amakuru abandanya atangwa n’ikinyamakuru Le Soir, Jean –Yves Hayez, yize ibijanye n’ukwiyumvira yavuze ati : «Abo bana b’abakobwa ntibazi ingorane ziri mu makete nk’ayo bandikira umuntu nk’urya.»


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.