Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
“Apple” kw’isonga ry’amashirahamwe yinjiza amahera menshi mu 2013 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > “Apple” kw’isonga ry’amashirahamwe yinjiza amahera menshi mu 2013

“Apple” kw’isonga ry’amashirahamwe yinjiza amahera menshi mu 2013

lundi 30 Nyakanga 2013

Ishirahamwe “Apple” rikora amaterefone, imashini z’inyabwonko n’ibindi bikoresho vy’ubuhinga bwa none niryo rifata isonga mu 2013 mu mashirahamwe n’amahinguriro yinjiza amahera menshi. Ryakuye muri ico kibanza ihinguriro Coca-cola ryari rimaze imyaka 13 rifise inomero ya mbere mu rutonde rukorwa n’ishirahamwe Interbrand.

JPEG - 3.4 ko
Ikimenyetso ca "Apple"

Ku rutonde rugirwa uko umwaka utashe n’ishirahamwe ry’abongereza Interbrand, ishirahamwe “Apple” niryo riza kw’isonga rw’urutonde rw’uyu mwaka 2013. Iryo shirahamwe rikora amaterefone, inyabwonko n’ibindi bikoresho vy’ubuhinga bwa none niryo riza imbere y’ayandi mashirahamwe kw’isi nk’ishirahamwe ryinjiza amahera menshi. Iryo shirahamwe ryacamuye “Coca-cola” ryari rimaze imyaka 13 kw’isonga ry’urwo rutonde.

Ishirahamwe “Coca-cola” rikora ikinyobwa Coca-cola ryatakaje ibibanza 2. Ubu rikaba riri mu kibanza ca 3. Riza inyuma y’ishirahamwe Google ryari mu kibanza ca 4 mu 2012. Muri urwo rutonde rw’amashirahamwe 100 yo kw’isi y’injiza amahera menshi harimwo n’ayandi menshi azwi cane. Ayo nayo ni nka:

IBM riri mu kibanza ca 4;
Microsoft riri mu kibanza ca 5;
General Electronic riri mu kibanza ca 6;
McDonald’s riri mu kibanza c’7;
Samsung riri mu kibanza c’8
Intel ririfata ikibanza ca 9;
Toyota riza mu kibanza ca 10.

Ayandi mashirahamwe azwi cane ndetse benshi bibazako ariyo yoje mu ya mbere ni nka Mercedes Benz (rigira 11), Hp risanzwe rikora imashini z’inyabwonko(rigira 15). Ishirahamwe Facebook naryo rifata ikibanza kigira 52 muri urwo rutonde rwa Interbrand. Urwo rutonde kugira rukorwe rufatira ku gaciro k’ibidandazwa ishirahamwe riba rifise, kubushobozi bwo gukwega abaguzi hamwe nuko iryo shirahamwe rihiganwa n’ayandi mashirahamwe.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.