Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ariel Sharon yashengeye inyuma y’imyaka 8 ari muri "coma" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ariel Sharon yashengeye inyuma y’imyaka 8 ari muri "coma"

Ariel Sharon yashengeye inyuma y’imyaka 8 ari muri "coma"

samedi 11 Nzero 2014

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Isirayeri yatavyimana. Ariel Sharon akaba yitavyimana inyuma y’imyaka 8 yose yarataye ubwenge, ivyo bita "coma". Yitavyimana ku myaka 85 y’amavuko.

Kuva kw’igenekerezo rya 4 Nzero 2006 gushika kuri uyu wa 11 Nzero 2014, Ariel Sharon yari akitswe n’amagara bikomeye. Yari yataye ubwenge, ari muri kimwe bita "coma". Uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israyeri akaba yasandabiye mu cumba c’ibitaro vy’i Tel-Hashomer mu gisagara ca Tel-Aviv. Kuva igenekerezo rya 2 Nzero uyu mwaka, amagara ya Ariel Sharon yateye amera nabi gusumba n’abaganga bakaba batatanga icizere ku gutora mitende kwiwe.

JPEG - 6.2 ko
Ariel Sharon

Ariel Sharon yatazirwa "Intare yinararibonye" n’abamwegereye. Yavutse mu mwaka w’1928 i Palestine hakiri ku ntwaro y’abongereza. Ku myaka 20 yinjiye mu murwi w’abagwanyi bakorera mu kinyegero witwa Haganah. Umurwi waharanira agateka k’ubwoko bwaba "juif". Uwo murwi ndetse niwo mu nyuma wahavuye uvyara igisoda ca Israyeri. Ariel Sharon yararwanye mu ntambara ya Isirayeri n’abarabu mu mwaka 1948. Ndetse bivugwako bamufata nk’umusirikare w’inkerebutsi abangutse kandi azi imikenyuro y’intambara.

Inyuma y’instinzi y’umurwi w’abasirikare Ariel Sharon yatwara, mu 1973, yaciye atangura kuja mu vya poritike. Yabaye mu batanguje umugambwe witwa "Likoud". Aho ndetse yaciye aba umushingamateka. Mu 1977, aho yari atowe ubwakabiri mu mabanga y’umushingamateka, umushikiranganji wa mbere w’ico gihe,Menahem Begin, yaciye amutora mu mabanga y’umushikiranganji w’uburinywi. Mu 1982, Sharon yaciye ashingwa kuba umushikiranganji wo kw’ivuna abansi wa Reta ya Isirayeri.

JPEG - 33.7 ko
Ariel Sharon

Imbere yuko aba umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri mu 2001, Ariel Sharon yaciye mu bushikiranganji butandukanye. Yamaze mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere kuva 2001 gushika afatwe n’indwara yo mu mutwe mu mwaka w’2006.


INGABIRE Luc-Noel

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.