Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Assad aragabisha Israel ko nawe atareze amaboko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Assad aragabisha Israel ko nawe atareze amaboko

Assad aragabisha Israel ko nawe atareze amaboko

vendredi 31 Rusama 2013

Mu kiganiro yahaye imboneshakure yo muri Libani, umukuru w’igihugu ca Syria Assad yavuze ko hari icipfuzo gikomeye mu banyagihugu, ko hotangurwa urugamba kuri Israel mu misozi ya Golan.

Yamenyesheje kandi ko Syria yoba imaze kuronka igice ca mbere c’ibirwanisho bikomeye vyo kurwanya ibitero vyo mu kirere, yahawe n’Uburusiya. Israel yari yavuze ko izofata ibisasu vya missile vy’Uburusiya, nk’ikimenyetso c’uko umutekano wayo ubangamiwe bikomeye.

Ivyo umukuru w’igihugu ca Syria Assad yabivuze mu gihe umuganga aba mu gace ka Qusair hamazemwo intambara zikomeye, yamye yigana ingene ubuzima bw’abahaba buri mu kaga gakomeye. Hari abantu barenga 600 bakomeretse, mu turere twugarijwe n’intambara, badashobora kuronka ubufasha bw’abaganga. Ngo bashobora kurindira amazi yo kunywa iminsi itatu canke ine, aho ntihavuzwe ayo bakeneye mu bindi bikorwa vya minsi yose nko kumesura.

Avuga kandi ko abagore n’abana bakomeza kurwa mur’iyo ntambara yo gushaka kugenzura ako karere ka Qusair kari ku km 30 uvuye Homs. Uwo muganga avuga ko yabonye ibiziga vy’abarwanyi ba Hezbollah baturuka muri Libani, akavuga ko uruhara rw’abo mur’iyo ntambara rushobora guhindura ibintu. Umukuru w’urunani rw’abarwanya Leta ya Syria "Free Syria army", general Selim Idriss, yavuze ku munsi wa gatatu ko abarwanyi ba Hezbollah barenga 7000 baje mur’iyo ntambara ya Qusair.

Kubera ivyo, Leta zunzubumwe za Amerika n’Ubwongereza biriko biratohoza amakuru avuga ko hari umunyamerikakazi n’Umwongereza baguye mu ntambara yo muri Syria.
Ibi bikurikiye amasanamu yaciye ku mboneshakure ya Leta ya Syria, yerekana ibiziga vy’abakekwa kuba abo mu bihugu vya Bulaya na karangamuntu zabo, vyavurwa ko bishwe n’ingabo za Leta mu ntara ya idlib. Umuryango w’uwo mugore wahavuye utangaza ko yapfuye. Yamenyekanye kw’izina rya Nicole Mansfield w’imyaka 33, yahinduye idini akaja muri islam, mu muji wa Flint muri Michigan.

Urugamba rushasha

Mu kiganiro yatanze ku mboneshakure ya Hezbollah al-Manar, Assad yavuze ko amaze kugabisha impande zose biraba, ko Syria izokwivuna, yongeye kubona ibitero vya Israel. Ati:"Hari icifuzo gishigikiwe bimwe bigaragara, co gutanguza urugamba rushasha rwo kwigwanako muri Golan". Israel yifatiye imisozi ya Golan kuva mu ntambara yo mu 1967, yigarurira ako karere mu 1981, ariko n’ubu amakungu ntaremeza ko ayishigikiye ku vyo yakoze.

Ibitero vyo mu kirere vya Syria, vyakoze ku birindiro vya Israel vyo mur’iyo misozi ya Golan, n’ubwo atawuzi ko vyoba vyari bitumberejwe ku barwanyi bari ku rubibe, kandi Israel nayo yarishuye. Syria na Israel vyabaye mu ntambara kuva mu 1948, ariko urwo rubibe rwari rumaze igihe rutekanye.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.