IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Audifax Ndabitoreye yajanye ibirego muri sentare mpuzamakungu i La (...)

Audifax Ndabitoreye yajanye ibirego muri sentare mpuzamakungu i La Haye

vendredi 29 Rusama 2015

Audifax Ndabitoreye ari mu bagomba kwitoza kurongora Uburundi nk’uwigenga,yafashe indege kuwa kane igenekerezo rya 28 Rusama agana i Buraya.Agiye gutanga ibirego muri Sentare Mpuzamakungi i La Haye mu Buhorande, ikurikirane ubwicanyi buriko bubera mu Burundi.

Atarya umunwa, Audifax Ndabitoreye yavuze ko igituma ajanye ivyo birego ari uko abantu barenga 25 bamaze gupfa kandi imyiyerekano ikibandanya, bagomba gutabaza amakungu hakiri kare kugirango abantu ntibabandanye gupfa.

Audifaxe Ndabitoreye arongoye ishirahamwe IMBONO Charisma ,avuga ko uwo bagiriza ivyo vyose ari umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kuko ari we atanga itegeko rya nyuma ku gisirikare n’igipolisi vy’igihugu, akongerako urwaruka rw’imbonerakure zahawe inkoho kandi zitagenewe abanyagihugu.

Uwo arongoye IMBONO Charisma arabeshuza kandi amakuru avuga ko imyiyerekano ikorwa n’urwaruka gusa, agasigura avuga ko nawe yayitavye kandi afise imyaka 54 y’amavuko.

Audifax Ndabitoreye yavuzeko azoboneraho akaryo ko gushika mu bindi bihugu bitatu, Ubwongereza, Ubufaransa n’Ububirigi, aho naho akazoba ajanye ubutumwa yarungikanywe n’ihuriro Mouvement Arusha ry’imigambwe itavuga rumwe na Reta hamwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike mu Burundi.

Mu bundi butumwa ajanye harimwio gusaba ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryorungika abasirikare baza kubuza ko ubwicanyi bubandanya mu Burundi, bagacunga n’umutekano w’abanyagihugu.

Mwomenya ko, Audifaxe Ndabitoreye yafashe indege ava i Kigali ku murwa mukuru w’igihugu c’urwanda.


IGIHE

Messages

  • Abarundi mwaragowe. None umuntu nkuyu wishwe n’urumogi kandi murabona ko aribyo . Reba amaso ye araturumbutse ahubwo abaganga nibamuhe imiti atarapfa aho gutesha abarundi umwanya

  • Nimufashe Abarundi kuko turahahonera.
    Audifaxe komera kw’ibanga usigurire neza cour internationale kuko niho twizey ubucamanza nyakuri

  • Mutama komera ahubwo ntibacungere umutekano ahubwo bakombore intwaro ya petero abarundi turarushe nukudufukama munda intwaro nkizo zagacinyizo twarazihaze abagirizwa ivyaha bahanwe asha atagitabara.

  • YOO!!!UWO MUGABO ASHAKA KWABARUNDI DUHONERARIMWE AHO KUGENDA AGIYE KUDUSABIRA IFASHANYO KO INZARA IRENBEJE ABARUNDI.NON ASHAKA KO ABASIRIKARE NABO BAZA GUSOGENA ISIBE. ABARUNDI TURAGOWE

  • Ahubwo mwavuze bike FALCON nayo?nibindi tutadondaguye mugabo ntaco nimushikane ivyo first ibindi muzobisokorora bamaze kurenguka barimwo iminyororo nkiyaboshe samusoni.

  • ahobwo nawe bagufate imodoka yanje mwaturiye muzombwira ico mwanyagiriza jewe si nkurunziza sinawewe mwese mugomba kuzishura ivyo mwakoze. abo bantu 25 uvuga ninkurunziza wenyene yabishe ? nabo mwishe mweho nibangahe abatuririwe muma pine twabonye ninde yabikoze ? igihababa cubutegetsi gusa nico catumye mwese yaba nkurunziza canke namwe musesa amaraso namwe murabesha muzodyozwa ivyo mwakoze ikirego nanje ndagishikana tu

  • Mbe Sha Mutabazi Urinda Uvuga Kwagwaye Ntuza Kuvyibonera Ushavuye Kuko Arez Imbonerakure Muvyozihay Zikora Bib?Yagiy Kuzan Otanu Imweyahiga Sadamu Husein,osama,kadafi Namw Iraje Kubronder Numukuruwany Peter.

  • hahahaha turaremvye abarundi umuntu wumusazi nkuyo niwashaka gutwara abarundi mamamama! mbega abobariko barafa simwebwe muriko murabica!hanyuma mutenyenye ikiringo canyu ntikiragera,

  • Nimba Yarahunze.Mb Uburundi Ntagisirikare Kigihari?Ko Baronse Amakirimbiriro Bobura Kutisurizayo?Mb Abona Ayo Makungu Yoshobora Kurungika Igisikare Kingana Gut?Abanyepolitique Nabonyene Burabasoba.

  • Ubwo uwo mugabo ahunze amatora dore ko ayaatinya kubi. Niba ari umugabo nahangane na Peter turebe ko ageza 0,
    001/100!! Gusa
    nabonye ameze nka
    Gasuku. Najye muri
    Holland bajye bamuhe

  • Huuuuuh,aha uyu mugabo arekuye uwo mutwe, amaso numushaatsi ngo agiye gusabira abarundi ivyo abasabira? Ni inda yiwe imujanye ntabindi. Mbega aba bose birirwa barapfa ntibazira bo? Iyo bagira coalition Peter bakamukuriramwo mu kazu k,amatora ntibari kuba abantu? Ni ukwica inzehe sha!

  • nagende turamwemeye akoze rugabo kweri turabeko twova mwiyi ntwaro yubuja

  • Ariko ,boooose bashaka gutwara!!Ndabira uyo nawe ari muguheneka n’ubwiso bwazutse ngo yotwara.Abo ni abatinganyi bo muri hollande nico gituma ubona asigaye afise amaso araba mw’ijuru,hari abantu basigaye basara!

    Nashaka mbwire uyu R-fro,mbega ninde ko otan ije mwoca mufata abantu,vous croyez qu’on va se laisser faire?Mwaratuririye umuhutu muri pneu,murica ababoyi,muturira imiduga ,ivyo vyavyuye ivyo twagerageza kwibagira,none ivyo bihugu wadondaguye ko otan bayizanye si tu veux abaperezida bagapfa,ababatumyeko barihe?Ubu bararya bagasinzira ca wiyishura ,izo ngwono nohanura abatutsi ko mutozisaba,ndabona muravyipfuza,ariko ntimuzisabe!!

  • Komera muta uriko urafasha u Burundi n’a barundi

  • ewe Burundi waragowe nimbono Nazi NGO zigomba kugutwa mbegu Burundi buracari mubukoronni canke abo basoda MVA mahaga azo zitware mungagara cibitoke mutakura musaga nyakabiga babakuremwo ingese yubwoko yabanyegeye mwese muriko muhunga cvr

  • Natebuke muri holand ahembwe ama euros y’ibimuga. Naho kugira ngo azayobore uburundi byo ni ukurota. Wagira ngo ni akana k’ingunzu bambitse ikoti

  • Ndashaka ndakwibarize wakigabowe namburiconyene nisunze ukwumeze ndabona uri around 50s yrs old, ivyorero binyerekako Bagaza aterwa kudera wariho kandi mumwaka wa 88 wariho, 93 , 95,96 wari ndagusavye uturonderere kopi yikintu wigeze uvuga murayomakunvu uvuga cerekana Ko wandiyeye ayomakungu utabariza abarundi, iconibuka nukowitondereye ubuhungiro mbere ukongera ukisabira nubwenegihugu bwomukindigihugu. Uburero twarakobagutitse ibararirarwa uciyuza ngutware uburundi nabarundi! Nonenavyo ubonye bitagushobokeye uciye wifuriza uburundi kuzikwa!? Shaturakubonye ntutubonye!.

  • Nyakubahwa audifaxe komera ubaye intwari kandi abarundi twese turikumwe nawe,abo ba cndd-fdd nabo bihangane bazoyemere ivyo pita yabakoresheje kuko abantu bize ntaco tutakoze duhanura kandi imburakimazi arizo mbonerakure ndabibukije ko UMWANSI AGUTEKESHA INKONO Y-IKIBI IHIYE AKAYIGUTANA@

  • Ewe Audifax, burya uribaza ko hari ho La Haie isumba iy’imana? Ugiye uturiye ama quartiers, wiyita ngo utanga ubutumwa bw’imana. Ewe nyagasani cira urubanza uwo muntu. Ariko nta n’isoni ugira vraiment? Nta mu menyesha mana aharanira amaronko y’ubutegetsi. Gezaho. Iyo sura yawe n’ivyo gutwara igihugu kera?

  • Wewe Wiyita NDIHO?Nagomba Ndakubwir Iyomyiyerekano Atari Iyabatutsi Nkuko Uvyiyumvira!Gusa Abatutsi Ntabuja Bamenyereye Nkawe!Tuzomugwanya Tu Knd Tumutsinde Kweli!

  • Wewe Wiyita NDIHO?Nagomba Ndakubwir Iyomyiyerekano Atari Iyabatutsi Nkuko Uvyiyumvira!Gusa Abatutsi Ntabuja Bamenyereye Nkawe!Tuzomugwanya Tu Knd Tumutsinde Kweli!

  • Mbega ko handitswe muri bible abagore aribo babereye gutereka imishatsi,uwo nawe abesha ngo numuvuga butumwa ubwo ntavuga ubutumwa bw ikuzimu ntiyashuhuriye abantu mwibarabara kugira baronke amaraso ninyama abamuha uburyo baronke ivyo barya?bye.

  • emma
    audifax wewe urikijuju ngaho washatse gushika kuki ? wagiye kudendekeranya mumahanga kandarimwe muriko musuka igihugu mumanga sha woshaka wokwitonda ikigihugu sicaso na nyoko nicatwese mbega kugishaka uzogitwarirahe konabandi bazoca baja mwibarabara?

  • Nous,le peuple burundais,fatigués de ce qui se passe,àl’heure actuelle,au vu et au su de la communauté tant nationale qu’internationale,dans notre patrie,soi-disant démocratique et souvarain,nous réclamons d’une part la paix et la sécurité pour tout citoyen d’autant plus que c’est le bas peuple qui en est victime.Nous lançeons un cli d’alarme àquiconque et surtout àla communauté internationale de conjuguer des efforts,dans l’optique de sauver nous les subarternes,pour rétablir et respecter non seulement les droits de l’homme mais aussi pour faire face aux délits multiples et sans nom qui se commettent jour et nuit sur le territoire de ce pays qui se conduit dans un chaos total.Dieu helpes us!

  • Urumugabo Tabariza Abarundi!

  • Mutama uvuganeza cane ubwicanyiburimuburundi burarenze muhanure uwowese abutera icociyumvironiciza.

  • Ndababaye kubona umusa nka audifaxe asaza atakuri avuga :kubona guhera 62,72,93, 2015 abantu bicwa benshi babahutu ntavuge ariko akababazwa nabantu 25 biyahuriye mumyiyerekano. none kutitwaye umbwambere buyoya,atera amabombe ntega marangara zirya zari intozi ariko araturira?

  • IMANA IRIHO KUMBURE N’ISAHAYAYO ITARASHIKA IGIHEKIZOGERADUTABARWE YIYUMVIRIYE NEZA ARIKO KUVAHAGIPFA UMWE AMARADIYO YARASEMEREYE ARIKO NTAWATABAYE.

  • IMANA IRIHO KUMBURE N’ISAHAYAYO ITARASHIKA IGIHEKIZOGERADUTABARWE YIYUMVIRIYE NEZA ARIKO KUVAHAGIPFA UMWE AMARADIYO YARASEMEREYE ARIKO NTAWATABAYE.

  • uwiyita vuganeza urahumba arabishikana kabisa ruvubu,gatumba,ababikira ngozi,kamenge,fnl, safisha, ibipinga,kubamesa,bacemo,imbonerakure, arabishikanye,ngibyo gucibwa imitwe, ngiyo kiriba ondesi, ni ibindi aragucitse utamumeshe

  • Ubugabo s’urucumu, ubugabo n’umutima w’ubuntu,kuhuza n’ukuzuriza,ubutungane kuri bose. Uburundi bwabuze epfo na ruguru. Rugiravyose ariho ! Songa mbere turagushigikiye. Tumbera inzira- Shikana ubutumwa mieux tard que jamais !

  • Tout change, tout évolu, seuls les imbéciles ne changent pas.Izo imbeciles zitevolua nibo babohey igihugu i mugongo urwo ruririmbo rw,ivya 62,72,93 muzoreka kugwitwaza ryari.Aho arigw mwamiza mukanwa mukujustifiant amafuti mukora.imbeciles k vous etes!

  • Audifax ndabitoreye ndamwifurije urugendo gwiza nugushikira abobose bogira ico bafasha uburundi kugira buve muraya mahano! Sinovuga ngo agiye Hageze ahubwo amazi yaraiye kurenga inkombe!! Peter nawe nabiwe nibitegure kurenguka i La rahe! Kumbe uburundi bwosimba imanga ntibugwe mqisanganya

  • burya ngira uwaremye twebwe abahutu ntiyabanje kwiyumvira kweri turibijuju vyo kuva mumizi yacu,ntakintu dukora ngo gihere,ntaco tuvuga ngo tukugeze,kanatsinda ntabanga ritubamwo.aho bihiye nitwebwe tubanzayo inda zacu,ntidutinya kunywa amaraso.ntidutinya gusahura,barundi bagenzi banje namwe bahutu duhuje ubwoko,Mureke duhaguruke duharanire gutera imbere aho guharanira kunywa amaraso yabene wacu.aka kamo nkateye petero nkurumbi ngo arekere aho kugotomera amaraso yabene murundi.inyanka kubwirwa yabwiwe nuko amaso atukuye

  • nishure VUGANEZA ndagushimiye cyane ntunzi sindakuzi ariko namye nkurikira commentaire zawe ariko ubu ndagushumiye cyane utanze commentaire nziza cane itarimo amacakubiri uvuze ukuri ndagushimiye

  • je nibaza ubu butegetsi bwapfuy amaso,bupfa n’amatwi,reo ntakamaro ko kurongogwa n’igpfamatwi,kand nigipfamatwi,kko bigumyuko iguhugu cose nimumanga buja.

  • bakozi b’Imana sigaho kwivanga napolitik imana izobarandura erega umucamanza wacu ni Christ Yesu wew azi ivyabay ibigira bibe nibizoba ehe satani yahagurutse kugira ahuvy abakozi b’Imana mukubakundisha amaronko afatiy muri poritik agaca aberekako mufise icubahiro oya namba iyoninzira yukurimbuka mwibukeko imana itaraba itango yikintu ariko iraba iherezo ryaco rero twiyubare ntiduhendw na satani rega imisi irahita vuba umva uwezwa ashishikar yezwe uwandura ashishikare yandure ehe ngwaraza vuba azenye ingero zikwirany nivyo yakoz umuririmvyi naw ati noba nararuhiy iki uryamusi ntabony Yesu ngaruka kumana niko ivuga kandi ngo uwizigiy umwana wumuntu aravumw garuka kumana wew watay igikorwa c’Imana Ukakivanga nibindi waribwe garuka uraharirwa mwizina rya Yesu umwami wacu

  • Edifax uri umugabo shikana ivyo birego baca umugani mukirundi kudahana imbwa vyorora imisega nabandi bakora ubwicanyi ntibibaze ngo twarabibagiye tuzobashengeza

  • 0DI FX Bravo petero nawe nomuhanura kureka kwicha Abenegihugu abaziza ivyiyumviro vya politike amenye ko atamvura idahita mbe uwomwicira umuryango wiwe vyomunezera?tumishachoka na mauwaji yanafanywa na serekali bwana sasa ivi inabidi Nasisi tujipange sawasawa wanachkuwa umoja na sisi tunachkuwa mwengine.

  • ahaaa!nimbaruko ivy’iburundi ntibizoroha.Mana tabara uburundi n’abarundi.

  • MUGABO JEWE NDAVYE NEZA MBONA UMENGO UWO MUTAMA ARAKWEGA AGATABI, ICATSI MBESE KUKO AMASO YIWE UMENGO SI HEZA. JEWE NIBAZAKO TUTAZOMUTORA KUKO NTAHO TWOBA TUVUYE CANKE TUJA. EREGA URAVYE UMUNTU URAMUBONA NINGENE AVUGA.

    RABA UKUNTU MUTAMA AGATO ATANGA IKIGANIRO UMUTIMA URI MU NDA!!!!

  • @dfggh
    Tu es psychologiquement dérrangé nimba wihaye kunyiyitirira c’est raté mon cher ami,jewe mfise idées zanje,ivyo usohohora biribonekeza ko atari ivyanje kandi simpindura,abo tuganira baranzi,mon cher ami ,nagire ndakubwire je t’ai détruit toi et tes idées car kwiyitirira izina ryanje ça ne marche pas c’est une bassesse ntunshobora,abahutu ntituri ibijuju ,nta nda dukunda,ntidutamba aho bihiye tuba tivyifitiye,tu as decrit ton peuple,arretes de te ridiculiser jewewe nta kubesha nta commentaires zawe nkurikira!!

    Ikindi ako gapfu audifax kapfuye kabura imva kaja kuvuga iki kitazwi i la haye ko ibinyoma mwabipanze kuva kera?Sinduhije yafashe agenda ruguru kure kuzana abana b’abahutu ababesha ngo bagiye kuragira izo mbwa zanyu imbo aca abashora mu ki rebelli bataranabona neza abashora mu cibitoki kugira abashe ateranye abavyeyi na peter bari bamwizeye,ariko baratevye barabitahura ko hari ababahendeye abana,aba sans echecs banyu batanguye kwirara mu ba fnl bararimagura baraheza ngo bakunde bateranye abahutu tumarane,ivyo vyose vyagiye ahabona sans oublier abafnl muriko muha ibikaya n’ishano ku musaga imana ishimwe barabihinyuye,ababikira mwaciye imitwe,amasoko muraturira,vyose turabizi kugira cnddfdd ite abanywanyi,vyose vyabaye impfagusa none mwihaye gupakurura ama wc mwiyugaranira mu ma quartiers n’ama kaka,laissez tomber mwa barozi mwe b’abicanyi.Nagire nkubwire,ivyo ajana ni vyinshi ntiwabidondaguye vyose,est ce un problème pour nous les hutus?Bon sang non!c’est ànous de refuser,nagende abe aritaramanza i la haye ntaco azovanayo kandi nta numwe azojayo,agize imana ntagwe en syncope ntubonako ari mu gutemba,urumogi rwo ruramwishe ,umuntu yabaye hollande agiye kuramutsa ses copains b’abatinganyi nayo politique nahebe umugambwe w’umuntu umwe nkumwe wa alice,adc ikibiri niya barya nyene tubona aucun adhérant ,tu parles,aho ashaka gutwara!!Haaaahaha!!

  • ahahaaaa!azagire urugendo rwiza uwiteka amurinde impanuka azashyike amarembe agaruke ayandi, mwifurijye kandi icyo no kwita mugiswahili: (mafanikio mazuri)kuribyo byose byamujyanye iyongiyo kumbure tworuhuka mumitima noneho umusaraba Wa 3eme Mandant ukatuvaho.Allah tabara uburundi!

  • natabariz ubundi yemw twahonye ariko si 25 gusa nibensh cane azoz aduh ubutumwa bwiza nkurunziza tumuherekez i la haye

  • Ariko umuntu asa uko yotwara igihugu?? N’Uburundi ntiburogorora!!! Emwe ba NGEZE nagira ngo baraheze...!!

  • Aribuko kuvugako iyo myiyerekano yaranzwemwo ubwicanyi butandukanye nkuguturira abantu mumapine,... azokwongereko yuko baguma bamuburagiza bigatuma abura aho yimwesha rurya rushatsi umenga ninyoni yarwaje iyindi mumapfa.

  • Ewe barundi muragowe nimba abapoliticiens bose ari abanywarumogi nkuwo kandi ntabwenge bagira ninde yabahenze yuko umuntu ajana ibirego muririye sentare kugite ciwe ? aribuke kuvuga yuko abantu baturirirwa mumapine.

  • Ndibazako abarongoye ikigihugu bokwikubita agashi bakareka kudadika kugira ntibadukwegeremwo abasoda mpuza makugu.nukuri imana ikorere mumukuru wigihugu imwereke ibibereye ntarindire kwigihugu kiba nka Egipti

  • Inyoni yarwaje iyindi!!!! J’aime.

  • nagend maz turab ko haricohinduk nagahomera bunwa ivyub arik kd tur mugih ciherezo UFISE UBWENGE NIYEGERE IMANA.

  • bapfumukeko,claud na ok. ndababwire iyowize ikibi ukorikibi iyowize amahoro ukorivyamahor nyene.mbeg mwebwe mutagwaje inyoni mwitojehe ko uryamushingantahe yitote mukibanza cumukur wigihugu? gutukabakuru numuvumo nimbere yimana ahubwo hanura abobabigishij amacakubiri.babiheb icomwomenya nuko ubutungane mwuzamakungu atahobuhuriye nubwiwacu.mwitonde rero.gutukana ubutukishije abavyeyi bakureze.

  • AKO KAGABO NTIGASOBANUKIWE UBURYO SENTARE MPUZAMUKUNGU YITURWA.
    KATUMYE KAJA MW’ISHRE.

  • Ayayayaya! Ewe Burundi waragowe, Wona ka sula mbaya. iyo siyo sura ya mtu wa kuyongoza inci kama Burundi.

  • Mutubwire niba amaso ataraturumbutse akagwa hasi akayibagirwayo.

  • les amis,kuvuga ivyubaka kandi murupfasoni birakenewe.ariko sinzi uko mwabay?ubu se isura niyo itwar’igihugu?ubu niba hoboneka ingagi(inkoto)yotwara uburundi ikaduha amahoro n’umwidegemvyo,vyodutwar’iki tw abarundi ko ivyo dukene vyari ivyo bi 2 mvuz gusa?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.