Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Avuga ko atunzwe n’ivyo atora mw’iyarara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Avuga ko atunzwe n’ivyo atora mw’iyarara

Avuga ko atunzwe n’ivyo atora mw’iyarara

lundi 17 Ruheshi 2013

Iyarara ryandagaye mu karatiye amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura, hari abanyagihugu bavuga ko ribatunze n’aho abandi bavuga ko bipfuza ko iryo yarara borikura bakaja kurita ahandi, kuko bavuga ko ribangamiye amagara yabo.

Abagabo babiri umwe yitwa Luka na Nzohabona, batubwiye ko baba muri karatiye ya Buyenzi, ariko ko batumzwe n’ukuja kurondera ivyo abantu baba bataye mw’iyarara. Igihe twabasanga aho bariko barimbisha ibiti mw’iyarara riri hepfo y’ubunywero bita kwa Teranse muri karatiye Aziyatike, batubwiye ko bazinduka kare cane, bakaja gutoragura amakara canke nk’utundi tuntu abantu bata, haba nk’ibirato bishaje, amasaho y’abagore yashaje, n’ibindi.

Beremeza ko nko ku munsi bashobora kuronka nk’ibihumbi bibiri bagaheza bakaronka ayo bafungura ibiharage. Umwe muri abo basore yatubariye ko amaze imyaka ine ariko kazi akora, akavuga ko ako kazi ubu kamutunze kuko atawe yiba canke ngo asabiririze. Yatumenyesheje kandi ko abo bazananye i Bujumbura bavuye i Ngozi, benshi bapfunzwe kubera baciye baja muvyo kwiba.

Tumubajije ko atopfuma yisubirira ruguru agafata isuka akarima hako yoza kuguma mu gisagara abayeho nabi, yishuye ko mu vyukuri atoba agishobora kuguma ruguru kuko kurima atavyo yoba agishobora, ngo yaje mu gisagara kuva kera, ahevye umwaka wa gatanu, akavuga ko atigeze arima kuva kera.

Akaba asaba Leta ko yoraba mwene abo batobato, ikabaha umutahe, ari nk’ukugura ikinga bakaza barunguruza abantu, canke bakabigisha imwyuga bagashobora nabo kwiteza imbere ndetse bagashobora n’uguteza imbere imiryango yabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.