Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bamwe mu bakenyezi bavuga ko igenekerezo rya 8 rishitse bagihohoterwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Bamwe mu bakenyezi bavuga ko igenekerezo rya 8 rishitse bagihohoterwa (...)

Bamwe mu bakenyezi bavuga ko igenekerezo rya 8 rishitse bagihohoterwa n’igiporisi

dimanche 8 Ntwarante 2015

Abakenyezi badandariza ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura bavuga ko, uwu munsi batawuhimbaza imitima iri mu nda, mu gihe bama bitezwe gukubitwa n’abaporisi.

Mu kiganiro abo bakenyezi bahaye ikinyamakuru IGIHE.bi, bavuga ko uwu munsi bawuzi, ariko ko ihohoterwa bagirirwa, rimaze kubarenga, bakibaza ko ahubwo n’igihugu canke abakirongoye babahevye. Ku bwabo, bavuga ko bariko baradandaza, kandi ko kitobuza ko abaporisi n’ababarongoye, boza ku bakubita n’ukubasesera utwo bariko baradandaza, kuri uwu munsi mukuru. Abo bakenyezi ariko, bakaba batubwiye ko batashoboye kuwuhimbaza nk’uko bavyipfuza kubera ubukene buzura inzara.

Eka na bamwe mu bakenyezi bari mu mihari ikukira imigambwe, bavuga ko uwu munsi bawuzi. Abakenyezi bo muri UFB bo, babwiye ikinyamakuru IGIHE.bi, ko uwu munsi, baza kwibuka umwaka uheze batewe ivyuka vyokera, abandi bagakubitwa n’abaporisi mu gihe bariko barahimbaza uwo munsi. Gaudence Nibogora arongoye uwo muhari ukukira UPRONA, akavuga ko agateka k’umukenyezi mu Burundi kasubiye inyuma rwose, aravye uko bakubiswe kandi bariko barigina uwo munsi w’abakenyezi, n’abandi babandanya gukubagurwa n’abaporisi izuba riva. Mu mugambwe MSD naho nyene ni uko, bakababakaba batubwiye ko, baza kwibuka nabone, umwaka uheze bamwe mu bakenyezi hamwe n’abandi bari muri uwo mugambwe batawe muri yompi.

Twobamenyesha ko, umushikiranganji w’agateka ka zina muntu Godelieve Nininahazwe, amenyesha ko uwo munsi uzohimbarizwa mu Giheta mu ntara ya Gitega, ku wa 26 Uku kwezi.

Sylvia Kinigi, umwe mu batewe ivyo vyuka ku 8 Ntwarante 2014 ari kumwe n'abandi ba UFB
Bamwe mu bakenyezi ba MSD bafashwe barapfungwa ku wa 8 Ntwarante umwaka w'2014

IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.