Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ban Ki-Moon atera akamo k’agahengwe muri Syria - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ban Ki-Moon atera akamo k’agahengwe muri Syria

Ban Ki-Moon atera akamo k’agahengwe muri Syria

mercredi 10 Mukakaro 2013

Ban Ki-Moon, ariko aratera akamo abasirikare hamwe n’abagwanya ubutegetsi, abasaba guhagarika ingwano mu kwezi kwa Ramadan

Umushingantahe Ban avuga ko atariko avuga amasezerano avuye mu biganiro, ahubwo avuga kw’impande zose zikwiye gufata ingingo yo kureka kurasa muri ico kiringo, kugira ngo ivyo bifatwe nk’agashimwe bahaye abanyagihugu bo muri Syria.

Avuga kandi kw’ingingo nk’iyo yotuma icizero co gushikira amahoro ciyongera. Yongeye avuga ko inyishu y’ingwano iciye mu biganiro, ariyo yonyene ishoboye guhagarika iyo ngwano imaze gutikiza inganda muri ico gihugu.

Iyo ngwano imaze imyaka irenga ibiri ikaba imaze guhitana ubuzima bw’abantu bashika ibihumbi 100, mu gihe abandi bashika imiliyoni zitandatu bataye ingo zabo, bagahungira hagati mu gihugu ca Syria canke mu bihugu bibanyi.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-Moon yateye akamo amakungu, akamo kayasaba gushigikira abanyagihugu bo muri Syria hamwe no kubamenyesha ko ingwano ataribwo buryo bwo kurangiza ibibazo vyabo.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.