Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bapfunzwe bagirizwa kwerekana amabere mu myiyerekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Bapfunzwe bagirizwa kwerekana amabere mu myiyerekano

Bapfunzwe bagirizwa kwerekana amabere mu myiyerekano

jeudi 13 Ruheshi 2013

Abakenyezi batatu bo mu bihugu vya Buraya baciriwe umunyororo w’amezi ane umwe wewse yugaranywe, nk’uko bishikirizwa n’umushingwamanza wabo. Abo bakenyezi bakaba bari mu murwi witwa FEMEN, bakaba bagirijwe gushira amabere hejuru mu myiyerekano.

Nk’uko umwe mu baburanira abo bakenyezi abivuga Souhaib Bahri , yemeza ko abo bakenyezi aburanira bahanywe bagirizwa ko barenze umuco w’igihugu ca Tunisiya mu kwerekana amabere n’umukondo. Inyuma y’’itabwa mu mvuto ry’abakenyezi babiri bo mu gihugu c’Ubufaransa n’umwe wo mugihugu c’Ubudagi basanzwe muri uyo murwi FEMEN, abarongoye iryo shirahamwe bemeza ko bagiye gutegura imyiyerekano yindi mu gihugu ca Tuniziya.

Uwuburanira abo bakenyezi bafashwe asanzwe ari mu gihugu c’Ubufaransa, avuga ko mu minsi azoba ari mu gihugu ca Tunisiya kugire avugane n’inzego zafashe abo bakenyez,i kuko we avuga ko abo bapfasoni barenganijwe kandi agasaba igihugu ca Tuniziya kwubahiriza agateka ka zinamuntu, Nk’uko bivurwa na Patrick Klugman aburanira abo bagore batatu.

Abo bakenyezi bafashwe mu gihe bariko bagira imyiyerekano bambaye ubusa mu gikiriza, mu gihe bariko basaba ko umukenyezi wo mu gihugu ca Tunisiya yitwa Amina Sboui yopfungurwa. Iryo hagarikwa ry’abo bakenyezi batatu ririyamirizwa n’amakungu, ngo kubona bagize imyiyerekano amabere n’imikondo yabo biri hejuru ari uburenganzira bwabo. Bagiriza igihugu ca Tunisiya ko kiriko kirabanganira abanyagihugu mu gushikiriza ivyiyumviro vyabo.

Abo bakenyezi rero bamaze indwi zibiri bapfunzwe, kuko bafashwe kuva kw’igenekerezo rya 29 Rusama uyu mwaka, basabirwa ko borekurwa atakirinze gusabwa kuko kwerekana amabere yabo, bariko bariyamiriza ihagarikwa rya mugenzi wabo yapfunzwe bidakurikije amategeko, ari uburenganzira bwabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.