Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Benin: Boni Yayi arakeza abarongoye ubufaransa kugutabara mu ntambara ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Benin: Boni Yayi arakeza abarongoye ubufaransa kugutabara mu ntambara ya (...)

Benin: Boni Yayi arakeza abarongoye ubufaransa kugutabara mu ntambara ya mali

jeudi 7 Ruhuhuma 2013

Aho yariko aragendera ubufaransa kuva igenekerezo rya 5 gushika kurya 8 ruhuhuma Boni yayi umukuru w’igihugu ca Benin yasavye ubufaransa kubandanya bufasha mu ntambara iriko ibera muri mali naho bagomba gukurayo buke buke ingabo zabo.

Birazwi ko boni yayi yipfuza ko abasirikare b’ubufaransa boguma muri Mali ati « mugihe inteko za MISMA zizoba zashizweho zifise abasirikare bashika 6000 canke 8000 ni bisanzwe ko ubufaransa bwoza burakurayo ingabo zabwo » ivyo yabivuze aho bariko baraganira na mugenziwe Francois Hollande mu biro vyiwe ,Elysée, kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 6 ruhuhuma.Ati « paris ikwiye kudakura ijisho kuri Mali mu kuyifasha »

JPEG - 9.9 ko

Mwomenya ko abasirikare b’abafaransa bashika 4000 aribo bari muri Mali. Boni Yayi arashimira umukuru w’igihugu c’ubufaransa ko ku mfashanyo yigihugu ciwe. Ati umugabane wose wa afrika urashima.

Yarongeye aramenyesha ko umugabane wa afrika ufise ugushaka kandi witeguye gukora kugira ushigikire igikorwa catanguwe n’ubufaransa muri Mali mwomenya o Boni Yayi ariwe yari arongoye ishirahamwe ubumwe bwa afrika.

«Intambara yo muri mali niyarangira, aho akarere ka sahel na sahara kazoba kasubiye kugarukirwa, MISMA izoca ihinduka inteko zo kugarukana amahoro mu bihugu yahungabanyemwo hisunzwe ingingo ya ONU iri mu kigabane ca 7 iha uburenganzira bwo gufatira ibihano vya politike n’ivy’ubutunzi ibihugu vyarenze ingingo za ONU kugirango ibigondoze n’ingingo irekurira ko hakoreshwa inguvu za gisirikare kuko bagomba kwikurako imirwi y’iterabwoba ikorera mu karere ka sahara na sahel.» ivyo vyavuzwe na Boni Yayi.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.